Umukuru w'igihugu c'Uburundi Nyenicubahiro Evariste #Ndayishimiye yateye iteka ibirori vyo kwatira abasaserdoti bashasha 20 n'abadiyakoni 18 mu nkuka ya misa irongowe na Musenyeri Mukuru Bonaventure Nahimana ari kumwe na Musenyeri Simoni Ntamwana asanzwe ari mu karuhuko, kuri uyu wa gatandatu 25 Mukakaro 2026 muri diyoseze nkuru ya #Gitega muri paruwase ya Mukobe.
Nyenicubahiro @GeneralNeva yakeje abo bakozi b'Imana bashasha kuri iryo teka batewe no kuri ayo mabanga akomeye muri Ekreziya Gatorika biyemeje, yongera abasaba gukorana umutima wemera kandi uciye bugufi mu guteza imbere imico kama y'igihugu na Ekreziya.
Umukuru w'igihugu aremera imico y'abakristu be n'uruhara ntangere rwa Ekreziya Gatorika mu kunywanisha Abarundi mu mahoro no mw'iterambere ry'igihugu.
Umukuru w'igihugu c'U #Burundi akaba n'Umukuru w'ishirahamwe rya @_AfricanUnion Nyenicubahiro @GeneralNeva yashitse mu gihugu ca #Ghana kuri uyu wa kabiri 21 Mukakaro 2026, yakiriwe n'umushikiranganji w'imigenderanire w'igihugu ca #Ghana M. Samuel Okudzeto Ablakwa. Akaba azorongora inama idasanzwe y'Ubumwe bwa Afrika izoba ibaye ku ncuro ya 20. iyo nama izokwihweza ivyashizwe imbere ku vyerekeye amagara y'abantu mu bihugu vya Afrika.
Ku kirimba c'igitega, Umukuru w'igihugu akongera akaba Umukuru w'ishirahamwe @_AfricanUnion Nyenicubahiro @GeneralNeva yarakiriye kw'igenekerezo rya 15 Mukakaro 2026, Floribert Anzuluni Isiloketshi, Umushikiranganji wa #RDC ajejwe iyinjira ry'igihugi ca Kongo mu karere, akaba yaje ari Intumwa ya Nyenicubahiro Félix Antoine #Tshisekedi, Umukuru w'igihugu ca #RDC. Baganiriye kuvyerekeye akarusho mu mugambi w'amahoro mu buseruko bwa #RDCongo be no gutsimbataza imigenderanire hagati y'ibihugu vyompi.
Umutambukanyi w'Umukuru w'igihugu c'Uburundi Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye yatahutse i #Bujumbura, aje azanye udushimwe tubiri mpuzamakungu yahawe i New York muri Amerika akandi i Londres m'Ubwongereza.
Ku kibuga mpuzamakungu citiriwe Melchior Ndadaye, Nyenicubahiro @Burundi1stLady yakiriwe n'abakenyezi bahurikiye mu nzego zitandukanye hamwe n'isinzi ry'abenegihugu bari baje kumukeza, cane cane abahurikiye mw'ishirahamwe Fondation Umugiraneza.
Agashimwe ka mbere yaronse i New-York ku cicaro c'ishirahamwe mpuzamakungu #ONU yakakiriye kw'izina ry'ishirahamwe arongoye @Action_bonne ku bikorwa vyiza iryo shirahamwe rikora ku nyungu z'abenegihugu.
Agashimwe ka kabiri kitiriwe Global Health Award, yakaronkejwe mu nama shingamateka y'Ubwongereza, bamugomwe ukungene yitwararika amagara meza y'abenegihugu be no kubaho neza.