Do you want a live #inanga performance so that you can rest well in your evening time or do you want to learn how to play this mythical instrument? #Torobeka is here to amaze you. Just let me know if you want to reach him.
Abatashoboye kwumva igifaransa ijambo rya President Evariste Ndayishimiye reka nshire mu kinyarwanda akagace gato nifuza ko tuganirako.
Yicaye imbere y’ibendera rya AU President Ndayishimiye
Yagize ati “Aho bigeze, dusabwa gukomeza urugamba kugeza ubwo n’Abanyarwanda batangira kwitandukanya n’ubwo butegetsi kuko ntekereza ko n’urubyiruko rw’Abanyarwanda rudashobora kwemera kuba nk’imfungwa mu karere”
Nanje nkagira nti:
Nyakubahwa @GeneralNeva
Mu mugambwe wanyu CNDD FDD nkuko muvuga ko mwashize Imana imbere, Bibiliya ivuga iti “Imbere yo gutosora akatsi kari mu jisho rya mugenzi wawe banza ukure urugiga ruri mu jisho ryawe”
Ba sokuru nabo barayamaze bati “ Uwuja gutera ubuse arabwibanza”
Nyakubahwa imbere yo kugira inama urwaruka rwo mu rwanda uko bashira pressure kuri Leta yabo, banza mwiyumvire ku bukene butagira izina buri mu Burundi nuko mwoburwanya, ni mwiyumvire ku bana b’uburundi bagurisha ivyo batunze vyose bakemera kuja kuba abaja iyo za bulayi, abandi kuba impunzi iyo za Serbie, tutibagiye inzira z’umuzitane bacamwo kugira bashike iyo baja. Ivyo vyose kubera kutabona ejo hazoza habo.
Imbere yo kwiyumvira uko mwofasha abanyarwanda kurwanya leta yabo, ni mwiyumvire uko mutorera inyishu ikena ry’igitoro cabaye umuzi w’ibuye kinatuma nibindi vya nkenerwa mu buzima bwa minsi yose biduga ibiciro ku masoko kubera ibura ry’ico gitoro. Ibindi bihugu birwana nukurwiza ibigega vy’integabizoza mu gihe twebwe tukirwana nukubona ivyo dukoresha ku munsi.
Imbere yo kwiyumvira uko mufasha urwaruka rwo mu rwanda gushira pressure kuri Leta yarwo, ni mwiyumvire nyabuna uko mworwanya ibiturire, no kunyonora amatungo ya Leta vyatse indaro mu Burundi bigasasirwa indava nabayobozi nka bose mu gihugu aho abantu batunga amazu arenga ijana nayandi avuye mu bunyonyezi bw’itunga rya Leta mu gihe abandi barundi benshi batubitse uwavubi ngo Leta iriko irabitunganya.
Nyakubahwa nukuri imbere yo kwiyumvira uko mufasha abanyarwanda kwanka Leta yabo, ni mubanze mwiyumvire ku bana b’Uburundi bariko bararwa muri Congo bazira intambara barwana batazi nico bariko bararwanira.
Nyakubahwa President wacu, nimba mwibaza ko kwugara imbibe bizotuma urwaruka rwo mu Rwanda rushira pressure kuri Leta yarwo nukuri aho mwarahihendeye kuko ahubwo bazokwanka uwabugariye imbibe, imbere gato yo kwugara mwarabona uko baza mu bwa Nyaburunga kubwinshi kuriya baza ninako bazana amafaranga yo kuharira, kuryama n’ibindi vyari inyungu ku Burundi. Uruja n’uruza hagati y’abenegihugu ni ngirakamaro ku bihugu vyose nkeka ari nayo mpamvu hashinzwe za CPGL na EAC.
Nasoza ndabibutsa ko Leta yari irongowe na Uprona yagiye mu biganiro n’umugambwe wanyu wa CNDD FDD ukiri umuhari urwana, yahora ibita abicanyi, abamenja, aba terrorists, ariko ivyo biganiro mu nyuma vyadushikanye ku masezerano y’amahoro aduha amatora mwahavuye munatsinda mukaramutswa amabanga y’igihugu. Iteka ibiganiro hagati y’abashamiranye niwo muti wonyene uhari ata maraso abanje guseseka. Rero nk’Imwe mu ndongozi zari murivyo biganiro nk’umwe mu bantu bafise experience yivyiza vy’ibiganiro twari twiteze ko mwokomeza inzira nziza y’ibiganiro apana intambara. Kuko intambara ntikiza iratikiza.
Gire Amahoro
Ikinyemera one genres among traditional music genres from western province of Rwanda🙌🏾
Gakondo yacu I’ve izingiro ry’inganda ndangamuco
#traditionalmusic#gakondo#visitbigogwe
ITURO collection launch has been a success and we take this moment to thank everyone who came through to support.
Our very special thanks goes to @l__espace for a very great partnership we had in bringing this ecxperience to life.
#ituroryumudiho#fw2024
📸: Jules Munyantore