#Burundi, muntumbero yo gutunganya Aho tubaye Musitanteri wa Musongati @burungaProvince n'abahanuzi biwe, abarongoye ibisata bitandukanye n'inzego z'igipolisi bifadikanije n'abadandaza bo kw'isoko ya Musongati mu bikorwa vy'isuku n'isukura vyo Ku wa 20/12/2025 @MininterInfosBi
#Burundi,Musitanteri wa Musongati @burungaProvince yaganiriye n'abenegihugu ba zone Muzye Kuri uyu wa 8/12/2025 Yabahaye impanuro zijanye n'imisi mikuru ya Noheri Na bonane anabasaba gufatana munda no kwiteza imbere hamwe no Kugira imbonokazoza y'imiryango yabo @MininterInfosBi
#Burundi,imvura ivanze n'umuyaga mwinshi yo Ku muhingamo wo Kuri uyu wa 04/12/ 2025 ihejeje kugurura ibiransi bibiri vy'ishure nshingiro ya BAMBA Ku mutumba wa Nyabibuye zone NGoma Komine Musongati @burungaProvince.Imana yakinze ntabakomeretse @MininterInfosBi@nshingamateka
#Burundi,imvura yaguye Ku muhingamo wo Ku wa 17/11/2025 yasize abenegihugu bo Ku mutumba wa Mutwana zone Butezi komine Musongati @burungaProvince mukangaratete. Hagurutse inzu 22,urushengero 1 n'abantu bakomeretse 2. Basaba ubufasha budasanzwe @nshingamateka@MininterInfosBi
#Burundi, Kari Akanyamuneza ntangere Kuri uyu wa mbere Rusama Aho abakozi ba komine Musongati @RutanaProvince barikumwe n'abagize ibisata vy'ubuzi vyose biri muri iyo komine bicara hamwe bakengurukira Imana inyuma yo kuva kumusi mukuru wabahariwe @MininterInfosBi