Hari igihomoka kigeramiye indimo z’abenegihugu ku mutumba #Murambi, zone #Gasenyi, komine #Buganda, mu ntara ya #Cibitoke. Abafundi b’indimo n’abajejwe intwaro bavuga ko kimaze gutwara amahegitari atari make, kandi ko kiguma caguka.
#Hirya_No_Hino
Imyaka 20 kuva habaye ubwicanyi bwahitanye impunzi z’abanyamulenge zirenga 160, muri zone Gatumba, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura. Kuri uwu wa kabiri ni ho bibuka ababo.
Ku wa gatandatu uza ni ho hazokwibukwa abamaratiri b'i Buganda. Mu gihe hasigaye indwi kugira ibirori bibe, mu kibanza bizoberamwo ari naho bagandaguriwe, abantu baharurwa mu majana menshi baza bamaze kuhashika. Ku wa gatandatu hitezwe abakirisu ibihumbi n'ibihumbi
Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye n'uw'Urwanda Paul Kagame babarizwa muri Nigeria. Bompi bitavye igikorwa co kurahira c'umukuru w'igihugu wa Nigeria kizoba kuri uwu wa mbere.
#Burundi#Hirya_No_Hino
Abanyororo 293 bahora bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba ni bo baraye batezuriwe. 93 muri bo bari bakwije ica kane c’umunyororo. 200 na bo bahawe ikgongwe c’agateganyo.
#Burundi
Abo basirikare bagiye gushinga ibirindiro mu turere twa #Kirolirwe na #Kitchanga. Bazofasha cane mu gukingira abanyagihugu no kunagura uruja n’uruza.
#Burundi
Imyaka 33 irarumanye kuva Nelson Mandela avuye mu buroko. Kw'igenekerezo rya 11 ruhuhuma 1990, ni ho yarekurwa aridegemvya inyuma y'imyaka 27 yari amaze apfunzwe. Haciye hatangura ibiganiro bigamije gukuraho Intwaro ya karyanishamiryango «Apartheid».
#Burundi
Paul Kagame yitavye ya nama ya EAC igira ibere i Bujumbura mu mwanya. Iyo nama yatumweko na Evariste Ndayishimiye kugira bige ikibazo ca RD Congo.
#Burundi