@GeneralNeva Nyenicubahiro @GeneralNeva ati "Ugushigikirana kwipfuzwa mu bihugu si uko gusanisha ibintu ngo bimere kumwe, ahubwo ni ukuza kuba ikiraro gihuza ubudasa buri hagati y'ibihugu, bigatuma haba imigenderanire ishimikiye ku kubahana no kuvugana nk'ibihugu bingana atagisuzuguye ikindi"
Mu nama igira 78 ya #ONU, Nyenicubahiro @GeneralNeva yaraye ashikirije ijambo, aho yashimye icivugo cashizwe imbere uno mwaka, ati: "igihe ni iki co kwubaka isi irangwa n'amahoro, ariyo kirumara mw'iterambere. Ni na co gituma hakwiye gushirwa imbere ugutahurana no gushigikirana"
Ku vyerekeye U #Uburundi, Nyenicubahiro @GeneralNeva amenyesha ko Abarundi bariko barita ku rutare mu gutsimbataza imico myiza inyuma y'imyaka itari mike y'amakuba, babicishije mu mugwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira @CVR_Burundi, ukaba umaze gushika ku musaruro uboneka.
#Burundi Mu bijanye n'umutekano, Nyenicubahiro @GeneralNeva aributsa ko Uburundi bufasha cane mu kubungabunga amahoro no kugwanya iterabwoba mu bihugu vya Centrafrique (RCA) na Somariya, ivyo bikagaragaza ishaka ry'Abarundi mu guterera kugira isi ibe nziza kandi ifatanye mu nda.
Umukuru w'Igihugu Nyenicubahiro @GeneralNeva, kuri uyu wa gatanu i New York, yarahaye umubonano Umushikiranganji wa Mbere w'Igihugu ca Viêt Nam, Pham Minh Chinh. Baganiriye ku cokorwa kugirango imigenderanire n'ubucuti bisanzwe biri hagati y'U #Burundi n'ico gihugu itsimbatare.
Kuri uyu wa 23 nyakanga 2023, Icegera c'Umukuru w'Igihugu Nyakwubahwa Prosper #Bazombanza yifadikanije n'abenegihugu bo mu ntara ya @MuyingaProvince, mu bikorwa vy'iterambere rusangi bijanye no kwagura no kuryohora neza ikigo c'agatutu cegukira igiporisi
#Burundi Nyenicubahiro @GeneralNeva yaganutse kuri uyu w'Imana, inyuma y'urugendo yari amazemwo imisi mu bihugu vya #Cuba (mu nama y'ibihugu vya G77 n'Ubushinwa), no muri Reta zunze Ubumwe za Amerika (mu nama igira 78 ya #ONU) Yaragize kandi imibonano ngirakamaro itandukanye
Je remercie vivement les burundais vivant aux🇳🇱en collaboration avec l’Ambassade pour la contribution à la rénovation du STADE INTWARI.
Dans une évaluation que nous venons de faire,une somme d’argent équivalent à 18.000.000Fbu est collectée.
@NtareHouse@BurundiGov@MAEBurundi