💼📝| Inama nshikiranganji yarakoranye muri @NtareHouse kuri uyu wa 7/1/2026 irongowe na @GeneralNeva, Umukuru w'Igihugu c'Uburundi.
Muvyizwe harimwo : Contrat yo mu bwoko bwa PPP (Partenariat Public-Privé) mu ntumbero yo kwubaka isoko nkuru ya #Bujumbura#Bujacity
#Gitega : Ifumbire ikoze ibara
Ifumbire yo mu bwoko bwa Urée ingana n'imifuko 107 n'igice ni ukuvuga ibiro 5375 kg niyo yafatanywe uwitwa Irankunda Ezéchiel na Nkengurutse Jean Marie bo muri komine Gitega zone #Mubuga umutumba #Mubuga kuri uyu wambere igenekerezo rya 5/1/2025
Gad Niyukuri ni we yasubiriye Reveriyano #Ndikuriyo mu Nama Nkenguzamateka. Akaba yari yitavye ku ncuro ya mbere, isasa ryo kuri uyu wa kabiri.
Ndikuriyo yari yatanze imihoho ku wa 10 Kigarama uyu mwaka.
⚠️ Amagara y'impunzi z'abakongomani arabangamiwe .
Mu gatumba, ku munsi kuwa kabiri igenekerezo rya 16 Kigarama 2025, aho umushikiranganji w'amagara y'abantu @Lydwinebara yabagendera, ngo abagera kuri 50 basanze bamaze kwandura Choléra. Aha ni mu gihe 80 bari mu bitaro.
💸 Amafaranga Reta izokoresha uno mwaka agiye kwongerezwa ku bice 2,2%. Kurihisha ingurane yahawe abanyeshure ba kaminuza y'Uburundi bahejeje ubu bari mu kazi ni imwe mu ngingo zizotuma ayo mafaranga aboneka. Vyavugiwe mu nama nshikiranganji yo kuwa 15/12/2025
#Burundi
Umushikiranganji Kibeya avuga ko hari ama 'sites' angana 63 batangura ibikorwa muri iyi ndwi , kandi ko kuri site imwimwe, hazojako n’imiburiburi urwaruka amajana abiri, ni kuvuga urwaruka rurenga ibihumbi 12 ruzoja ku kivi .#Burundi#Mines
"Afrika ni umugabane ugizwe ahanini n’urwaruka ari co gituma benshi bahura n’ibibazo vyo kubura ubuzi, abandi bakisanga baguye mu mitego yo guhungabanya amahoro n’umutekano mu bihugu vyabo hamwe n’abagakoreshwa mu migumuko"- @GeneralNeva, 11/12 /2025