#๐๐๐ฟ๐๐ป๐ฑ๐ถ ๐ ๐ ๐ธ๐ถ๏ฟฝ๏ฟฝ๐ผ ๐ข๐๐ฅ ๐ต๐ฎ๐๐๐ด๐๐ฎ ๐ฎ๐บ๐ฎ๐ธ๐ถ?
"๐จ๐บ๐๐๐ถ๐บ๐ฎ ๐'๐ถ๐ด๐ถ๐ต๐๐ด๐ ๐๐ฟ๐ถ๐ธ๐ผ ๐๐ฟ๐ฎ๐๐ถ๐ฟ๐ถ๐ฟ๐ฎ๐ป๐ฎ": Uwo ni wo mutwe w'amakuru tugiye kubashikiriza.
Ni nde azokiza Uburundi ko umutima igihugu kigirako uriko uravirirana??
Mu gihe ikigo OBR gifatwa nk'umutima igihugu gihemerako,ico kigo kikaba kigeze habi,twahisemwo gutangura kubashikiriza urukurikirane rw'amatohoza twakoze ku manyanga avugwa muri OBR.Amanyanga ariko ashira igihugu mu kaga kadasanzwe.
Kubera ivyo twabateguriye ari vyinshi, tuzohora dushikiriza igice kimwe kimwe buri musi.
Uno musi duhera kw'inyuruzwa ry'amafranga y'amarundi imiliyoni ijana na mirongo itandutu(#160millios),ivyatumye umwe mu bategetsi ba OBR yirukanwa burundu mu kazi.Uwo mutegetsi ni nde?hari abandi bategetsi bakorana ayo manyanga?
Uwo mutegetsi aheruka kwirukanwa mu kazi aho muri OBR yitwa NYANDWI Elias yari umuyobozi ajejwe ivy'injira n'ibisohoka, Directeur chargรฉ des approvisionnement.Uwo yirukanwe mu kazi ku ndwi iheze,ku musi wa gatanu,le 29/11/2024.
Abadurikirana hano baribuka ko uwo mutegetsi twamuvuzeko cane mu mwaka uheze wa 2023 igihe twashikiriza ubusuma bw'ama vignettes bwariko bukorwa aho muri OBR.Abatabibonye,bobisoma hano: https://t.co/50VZDWtHLY
Ico gihe twarerekanye ko Elias ari we yivye ama vignettes akoresheje umwe mu bakozi bari bajejwe stock,munyuma avaho aramuhungisha hanze y'igihugu.Twarerekanye kandi ko ayo manyanga Elias yayakorana n'umuyobozi mukuru wa OBR Jean Claude MANIRAKIZA,bakagabura amafranga.Ico gihe,ntan'umwe yigeze akomwakomwa mu gihe twe twari twagumye dusaba ko bobazwa ivy'izo vignettes n'ubundi bubegito bakora.
NYANDWI Elias aherutse kunyuruza amafranga y'amarundi imiriyoni 160.
Tubanze tubamenyeshe ko imodoka zose za OBR zahora zinwesha ibitoro mw'ishirahamwe INTERPETROL.
Ico kigo OBR cahora gitanga amafranga menshi muri INTERPETROL,hama imodoka zikaza zirajayo kunwa ibitoro gushika amafranga yatanzwe aheze.
Muri OBR rero baheruka gutanga aho muri INTERPETROL amafranga y'amarundi angana n'imiliyoni amajana abiri(#200millionsFbu).Ariko kubera ikena ry'ibitoro rivugwa mu Burundi, INTERPETROL nta gitoro ifise kugira imodoka za OBR zibandanye kuhanwesha.INTERPETROL yagiye kubura ibitoro mu gihe muri OBR bari bamaze kunwa ibitoro biciye imiliyoni 40 z'amarundi,muri za miliyoni 200 bari batanze.Bisigura ko bari hasigaye ayashika imiliyoni 160.
Munyuma,abategetsi bandi bo muri OBR baciye basaba NYANDWI Elias yarajejwe approvisionnement ko ya mafranga(160miliionsFbu) yasigaye muri INTERPETROL boyagarukana mu kigega kugira igitoro bazokinwe ahandi.
Elias,umwana yamye akerebutse cane muvy'amafranga, yaciye yumvikana n'umuyobozi mukuru ukuntu aya mafranga boyigarurira.
Elias yaciye aja muri INTERPETROL gusaba ya mafranga. INTERPETROL yaciye imusaba compte iyashirako,Elias aca atanga compte yiwe bwite.
INTERPETROL yaciye ishirako ya mafranga 160millions,Elias aca ariraramira.
Bidatevye,bararindiye ko ya mafranga ashika muri OBR barabura.Umusi umwe,umu charoi w'imodoka yarabajije Elias ko ya mafranga yoba yaravuye muri INTERPETROL.Amakuru dufise yemeza ko Elias yaciye asaba uwo mu charoi ko yovyihoza.
Munyuma,vyahavuye bimenyekana ko ayo mafranga Elias yayikozeko. Mu buyobozi bwa OBR baciye bamwandikira ikete ryo kwisigura(demande d'explication) kugira asigure iyo ayo mafranga yayashize kuko vyari vyamaze kugaragara ko INTERPETROL yayatanze.Ivyo Elias vyoba vyaramunaniye kwishura.Umuyobozi mukuru yaragerageje kuburagizamwo iryo kete biramunanira.
Ku musi wa gatanu,igenekerezo rya 29/11/2024 ni ho hafatwa ingingo yo kwirukana(gusezerera)NYADWI Elias mu kazi aho muri OBR.
Utubazo duca tuvuka ni 2.
1ยฐ.Mbega ko Elias yahagaritswe mu kazi, aya mafranga azosubizwa mu kigega?
2ยฐ Mbega koko ayo mafranga ni yo yoba yatumye Elias yirukanwa ku kazi?
Iki kibazo ca 2 tuzobona inyishu yaco mu nkuru ikurikira,ari naho tuzobona neza impamvu nyamukuru yatumye NYANDWI Elias yirukanwa n'ayandi manyanga bakorana n'umuyobozi mukuru.
@JosJonesNkunz@devi6688 Ikikintu mucitondere ivyo mwavuz ngir nukutamenya mwihenz jew nabajij Ababikoreramwo bambwiy kobidakunda Kusohoka aรฉroport bisa visa Court sรฉjour usaba personnellement mur ambassade nayo nikwakundi nyn kuyironka ningorane. Visa de transite ntusohoka zone international
@Sir_Umuhirwaa2 Muri posita ntanintebe batanga utayironderey biragusha ahomvuga nkakarorero salle IRI au fond mur deuxiรจme รฉtage. Icibagiwe co uri umu T ntiwirwa uranaz