2. Turipfurije Abarundi bose iyo bari hose, tutibagiye n’abo bose baba mu Burundi umwaka muhire w’2018, uze ubabere umwaka w'Amahoro n’Imigisha bikomoka ku Mana. Tubipfurije umwaka mwiza, umwaka w’akanyamuneza mu banyu no mu vyanyu, umwaka wo gutera intambwe mw’iterambere.
4. Icivugo ngenderwako muri uyu mwaka ni iki gikurikira: “Tuzirikane Igihugu cacu, tumenye iyo tuva n’iyo tuja”. Iki civugo kandi tuzobandanya kucisunga gushika mu mwaka w’2019.
6. Uburundi ni ubw’Abarundi, ni umurima w’isangi twasangijwe n’Imana, ni ingabanwa idasanzwe Umurundi wese ahamagariwe kuzirikana, kubungabunga no guteramira ijoro n’umurango, muri vyose na hose.
12. Mu gisata c’amagara y’abantu, umugambi wo kuvura ku buntu abana bari munsi y’imyaka itanu n’abakenyezi bibungenze warabandanije kandi uzobandanya no muri uyu mwaka dutanguye. Mu mugambi wo kurwanya marariya yari yabaye ikiza, ingo 2.243.645 zararonkejwe imisegetera.
14. Mu bijanye n'umuyagankuba, harashizwe mu ngiro amasezerano hagati y’amashirahamwe REGIDESO na INTERPETROL yo kugwiza umuyagankuba, ubu umuyagankuba ukaba wariyongereye cane mu gisagara ca Bujumbura. Haratangujwe kandi ibikorwa vyo kwubaka urugomero rw'umuyagankuba kuri Rusumo