Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu @MAEBurundi , Ambassadeur Édouard BIZIMANA Niwe mutumire mu kiganiro Main Switch gica kuri Buja TV( Canal+ ch 2&663, Startimes ch 110, Azam ch 532).
Azokwishura ku bibazo biraba umubano w’uburundi n’ibihugu vyo mu karere, uko inyungu z’abarundi bari mu mahanga zikingiwe n’ibindi.
Ejo isaha zibiri z’agatondo(8h).
No kuri YouTube yacu Main Switch257.
#MS24
#BUJATV
Ku musi w’ejo 19/03/2026 mu kiganiro #MainSwitch tuzokwakira MISIGARO Fidès arongoye ihuriro ry'abakenyezi mu ntara yagutse ya #bujumbura akongera kandi akanariserukira ku rwego gw’igihugu.
#MainSwitch#MS24#BujaTV
Ku musi wa kabiri, igenekerezo rya 2/3/2026, umuhuza w'abarundi (@OmbudsmanBI), Aimée Laurentine Kanyana, azoba ari umutumire mu kiganiro @MainSwitch257 kizoba kuva isaha zibiri gushika isaha zine zo mu gitondo.
Muzobe hafi y'imboneshakure zanyu kuko tuzoyaga ku bibazo bitandukanye, harimwo ibibazo abarundi batura umuhuza w'abarundi, imanza zitandukanye hamwe n'ibindi umuhuza w'abarundi asanzwe arangura.
Ico kiganiro gica kuri BUJA TV kuri @canalplus Ch663 na Startimes Ch110.
@NtareHouse@BurundiGov
#Burundi
🚨📺 Mu kiganiro co ku musi w’ejo tuzoba turikumwe na @KarerwaNdenzako, umujenama mu biro vy'Umukuru w'Igihugu arongoye igisata ca poritike, imibano n'imico kama. Tuzoyaga ku bitari bike, muzogumane natwe.
👉 Mudukurikirana kuri BUJA TV, Canal+ chaîne 663 na Startimes chaîne 110 no kumbuga hwaniro zacu.
@NtareHouse
#MS24 #BUJATV
✝️🛐 Umusaserdoti Amando Kana yari arongoye ikigo "Foyer de Charité" yitavye Imana ahitanywe n'indwara
🥲 Amando Kana ni umupatiri yari amenyerewe cane mu nyigisho zifasha urwaruka n’imiryango. Zimwe mu nyigisho yahora akunda gutanga buri mwaka ni izo yatanga ku munsi wahariwe abakundana (Saint Valentin).
👉 Uwo mu patiri yatiwe mw'ibanga ry'ubusaserdoti mu mwaka wa 1993 , inyuma yo kuba umuyobozi w'iseminari nkuru ya #Burasira iri muri Komine Ngozi gushika mu mwaka wa 2001, aho havuye arungikwa kuba umuyobozi w'ikigo Foyer de Charité kuva muri uwo mwaka nyene.
#Uburundi
#MS24
@fablice1 avuga ko Isoko nkuru ya #Bujumbura igiye gutangura kubakwa kugeza irangiye, avuga kandi ko hari abamwita umusuma ariko ko ataco bimutwaye, aba #Diaspora ngo bagabe ngo bariko baribwa,....
Bimwe muri ivyo n'ibindi bikurikirane mu kiganiro kuri Youtube ya @MainSwitch257
👇👇👇
https://t.co/KgddxukBSc
#MS24
#BUJATV