Nukuraba ama Views nama Likes ntibidukoreshe amakosa🙈, ngo dusange twiyambuye Ubuntu kugira turonke ibintu.
Uko biri kwose Tu n'as rien à perdre iyo Yesu yakanze like muri wewe 👍 abandi Bose birabasha.
Umwe mu bana ba Nowa yaribagiye ko ari ukugororoka kwa Se kwabakijije umwuzure, aca aja gukwiragiza ubwambure bwa se. Ukuboko kw'ibubamfu kw'umuvyeyi gukoze ikosa, ntibikwibagize ko ukuboko kwiwe kwiburyo kwamye kukugaburira ushonje.
Hari umugisha unyegejwe mu mibabaro ucamwo.
Mu rupfu rwa Yesu hari hanyegejemwo ubuzima bw'amahanga menshi.
Ibise vy'umuvyeyi ni message yuko umwana agomba aseruke.
Rero imbere yo kubivamwo, banza umenye ico umubabaro urimwo utekeye.
#InterpreteYourPain