Burya murazi ko 2015 Kagame ariwe yari inyuma yabarya ba General b’abatutsi bashaka gukuraho Pierre Nkurunziza ? Abasoda ba Tanzania nibo baje baherekeje Nkurunziza gushika I Bujumbura , nico gituma , URwanda rutumvikana na Tanzania ?
Nico gituma abashatse gutembagaza Leta ya Nkurunziza bahungiye mu Rwanda iyo uwabatumye ari “ mu ncamake harya Niyombare bariko baramukoresha gusa , munyuma hari uwateguwe wo mu bwoko bashaka yaca ajaho
Nimba Urwanda rushaka ko tubana neza , nibarungike zirya nkozi zibibi zashatse gutembagaza ubutegetsi mu 2015 ! Nibareke gufasha Red Tabara ! Nibareke kugirira umunoho igihugu atari rwabo ( BURUNDI na RDC )
For more inf : https://t.co/HNDhkK2ATN
SADC ntaco yaje gukora muri kongo atari kwifatanya na M23.
Mu nama ihejeje kuba hagati y'ingabo za SADC na M23 muri Serena Hotel i Goma bumvikanye ko M23 yorohereza ingabo ziri mu butumwa bwa SAMIDRC gutahuka vuba bwangu maze SADC nayo yiyemeza gusanura ikibuga c'indege ca GOMA ari naho bazofatira indege zibasubiza mu Bihugu baje barukamwo.
SADC ikiza muri kongo abategetsi ba kongo bagaragaje ivyishimo ko ije nk'urukiza ariko yaje gukorana n'umwansi(m23).
Harya no muvyatumye m23 ifata ibice vya GOMA na Bukavu iyi SADC yabigizemwo uruhara kuko baretse ikinjira ukuri kwamye,banka gukoresha ibirwanisho vya rutura bafise n'indege z'indwano maze ingabo z'uburundi nazo bitumwako mu makungu zisanga mu mayirabiri.kuba SADC yoba itashe hari ababona ko Ingabo z'uburundi,FARDC wazalendo bagiye kunesha umwansi bamusubize inyuma iyo yaturutse(Rwanda).
Kugira M23/RDF bashike kucipfuzo ca balkanization bizova kuri Tshisekedi either kuganira nabo canke kubarwanya akabatsinda!
Weho ubibona gute?
For more info:https://t.co/HNDhkK2ATN
Mbega akagaye! Muzi ko Paul kagame agayana birenze? Mu misi iheze yifatiye mu gahanga aba President avuga ko m’umutwe bameze nk’ibipurizo , ibaze kuvuga ko Tshisekedi ngo yakora akazi koku delivery ama pizza mububiligi , bityo ngo kuba President ntibimukwiriye, burya we uribagiye ivyo wakora muri Uganda mu 1980s ? Gusa nimba uri umugabo wiyemera ugifise amav*** agikomeye neza , Genda uhamukure niho uzoba uri umugabo ! Kuki wumva ko Felix Tshisekedi atarakwiye kuba President wa Congo ariko wewe ukaba wumva warukwiye kuba President wu Rwanda ?
Ibi nibimwe nama navuze ko Kagame yama yita mu bitamuraba, nimba aba Congomani bamwishimiye , we bikurya he? Canke nuko ubona ariko aratuza ino migwi yabicanyi ushigikiye y’iterabwoba nka M23 ?
For more inf : https://t.co/HNDhkK2ATN
Ingabo za SADC zirakuye akarenge muri kongo,Tshisekedi asigaranye ingabo z'uburundi zonyene!
inama idasanzwe y'abakuru b'ibihugu bigize umuryango wa SADC yari iyobowe na Pezida wa zimbabwe Emmerson Mnangagwa ihejeje gufata umwanzuro wo guhagarika ikiringo c'ingabo za SADC ziri mu butumwa bwo kugarukana amahoro muri kongo(SAMIDRC) no gutangura kuzitahukana vuba.
Izi ngabo ziramutse zitashe,Tshisekedi aza kuba asigaranye ingabo z'uburundi zonyene mu rugamba rwo kurwanya umuhari m23.
Wihweje iyi ngingo ya SADC,ubona ingabo Z'uburundi harico zigiye gushikako mu kurwanya m23?
For more info:https://t.co/HNDhkK2ATN
KOKO GEN.Jean Baptiste Gakwerere YOBA YAFASHWE NA M23??
Gen.Gakwerere yahoze mu ngabo z'urwanda(FAR) kuri Leta ya Habyarimana,kandi yari umusirikare wafise Rank(ipeti) yo hejuru,muca mwumva ko yari mu bafata Ingingo kandi bafise uruhara runini mu vyabaye mu 1994,bisigurako ari mubantu bakomeye cane bagize uruhara muri Genocide yakorewe Abatutsi n'Abahutu mu Rwanda!
Uyu rero ategerezwa kuba yari mu bantu baronderwa cane na Leta ya President Paul Kagame! Nkuko Leta ya Président Kagame yagiye ibikora no kubandi ba FDLR bafatiwe muri Congo n'ahandi,uyu mugabo vyavuzweko yafatiwe ku Rugamba na M23 i Goma!
Ariko ukoresheje n'Ubwenge,ukiyumvira neza urabona ko uyu muntu atafatiwe ku Rugamba,uyu hakoreshejwe amayeri menshi yo kumuha Amafranga no kumwemerera ku mukurako urubanza yakatiwe na Leta y'Urwanda,Aho bari baramukatiye imyaka 35 yo gufungwa kandi batari bwa mufate!
Leta ya Kagame,ubu buryo yarabukoresheje Ku ndongozi nyinshi za FDLR,kugira bareke urugamba batahe,kandi benshi baratashe bahemukira bagenzi babo babata kurugamba!
Ubu benshi bari mu gisirikare c'Urwanda, kandi barakoreshwa cane mu gufatisha abandi!
Nuyu mugabo arashobora kuba atafatiwe ku Rugamba na M23,Oya,ahubwo hoba habaye Ibiganiro hagati yiwe na Leta ya Kigali kugira atahe,
Mwibuke ko Gen.James Kabarebe yavyivugiye neza ko ahora aterefona indongozi za FDLR bakavugana kuri Telephone,abasaba guta urugamba ataho ruzobashikana bagataha mu Gihugu! Rero nuyu Gakwerere bishobora kuba vyaciye muri iyo nzira kugira Urwanda ruronka point yo gutanga muri UN,n'ahandi hose ko FARDC na Leta ya Tshisekedi ko bakorana na FDLR. Kandi mwibukeko M23 yamuzanye,mumisi Ibihugu vyinshi vya Buraya na Amerika bariko bafatira Ibihano Urwanda.
Kuvugako Gen.Gakwerere yafatiwe ku Rugamba na M23,arikumwe na FARDC,ni icagiriji gikomeye cane kuri Leta ya Congo ko ikorana na FDLR,bigaha inguvu Urwanda zo gusigura impamvu zituma irungika Abasirikare barwo muri Congo!
Ariko kandi namba Leta ya Président Kagame ikora nkuku,igahamagara abantu bahunze Igihugu bagirizwa ubwicanyi nka burya,ati ni mutahe muze twubake Igihugu,kuko ivyo murimwo ntaho bizoshika, Jewe ubwanje ndumva ari ivyiyumviro vyiza cane na Leta y'Uburundi ikwiye gukorerako kugira abahunze igihugu kuva 2015 batahe,Hama igihugu kije mwituze rirama!
For more infos: https://t.co/HNDhkK2ATN