#Burundi, le 14/04/2026
Amanyanga mu bushikiranganji bw'ikigega ca leta. Imiliyoni 30 z'amadolari zishobora kugenda akagirire.
Kuber'iki umushikiriranganji yemeye ko aya manyanga akorwa ? Ingaruka zavyo ni izahe ku gihugu ?
Uno musi, mw'ishirahamwe King Umurundi Freedom, twahisemwo gushira hanze amatohoza twakoze ajanye n'amanyanga ariko akorwa mu bushikiranganji bw'ikigega ca leta, ibishoboka gutuma amafranga ashika imiliyoni mirongo itatu mu madolari y'abanyamerika (30 000 000 USD) agenda akazimayongo canke ntakore ico yagenewe.
Aya matohoza tuzoyashikiriza mu bice 4.
Ica mbere twomenyesha n'uko aya manyanga ariko akorwa hagati ya Société MEDIABOX irongowe na Donatien NDAYISHIMIYE, @Dndayish (ari nawe arongoye ikinyamakuru IKIRIHO cegereye iperereza ry'Uburundi) be n'ubwo bushikiranganji bw'ikigega ca leta. Amanyanga yateguwe ku rugero ruteye ubwoba muri logiciel yitwa SIGFP-BI, mu mugambi PAFEN wa Banque Mondiale.
Imbere yo gushika kure, kugira abenshi batahure ano manyanga, tubanze dushikirize mu ncamake ukuntu ama logiciels akora aho mu bushikiranganji bw'ikigega ca leta n'ukuntu Donatien NDAYISHIMIYE asa n'uwigaruriye ubwo bushikiranganji, aho kenshi yama akora ibishoboka vyose, n'inguvu zose, kugira abe ari we ahabwa amasoko yose mubijanye n'ubuhinga bwa none.
Mur'ubwo bushikiranganji, hari logiciel yitwa SIGEFI (Système Integré de Gestion de Finances) y'ishirahamwe ASYST. Iyo logiciel ihari kuva mu mwaka wa 2010. Bisigura ko imahamaze imyaka ishika 16. Ni yo ikoreshwa mugukurikirana amafranga leta ikoresha harimwo amafranga ahembwa abakozi bose ba leta.
Twibutse kandi ko Société ASYST irongowe n'uwitwa Amedée BWIMBA, asanzwe ari umunyamahanga. Ariko mu masezerano bari bafitaniye, leta yaraheraniye iyo Société amafranga y'amarundi angana n'imiliaridi zibiri, 2milliards Fbu.
Mu mwaka wa 2023, ni ho twovuga ko leta yatanguza neza umugambi wa PTBA (Plan de Travail et Budget Annuel) mu co bise Budget-Programme kugira habe umuco mugukurikirana neza amafranga yose akoreshwa mu kigega ca leta, harimwo ayaca mu kigo OBR, kijejwe kwegeranya amakori.
Kugira uwo mugambi ukunde, vyari vyateguwe ko bikorwa na ya Société ASYST kugira bongeremwo (binjize) muri ya SIGEFI uwo murongo w'ivyo vya PTBA, ku mafranga y'amarundi angana n'umuliyaridi umwe, 1milliardFbu. Ariko rero, ico gihe ASYST yaciye isaba ubwo bushikiranganji ko bubanza kubariha rya deni ry'imiliyaridi zibiri bwari bubafitiye.
Aho hari ku ntwaro y'umushikiranganji Audace NIYONZIMA, uwo nawe ntiyigeze ashaka ko iyo logiciel ya ASYST ibandanya ikora kuko yaca yerekana amafranga ashika imiliyaridi mirongo itatu na zibiri (32 milliards Fbu) yaheruka kunyuruzwa muri OBR, ayo akaba yari yanyurujwe Audace NIYONZIMA akirongoye OBR. Aho rero Audace amaze kuba umushikiriranganji w'ikigega ca leta yakoze ibishoboka kugira bakorane na Donatien muvy'iyo logiciel, baca bategura kwigiza inyuma wa munyamahanga Amedée BWIMBA.
Ivyo rero ntivyoroheye Amedée BWIMBA kuko haciye haduka ico twokwita intambara hagati yawe na Donatien yashaka ko ari we aca ahabwa iyo soko y'ivya PTBA.
Ico gihe, mu mwaka wa 2023, Amedée BWIMBA ntiyigeze yoroherwa kuko haciye hatangura gutegurwa umugambi wo kumwaka ubuzima kugira bigarurire ya logiciel. Ni ho Donatien akoranye n'umukozi w'iperereza Audifax NIYONZIMA (ico gihe yaramutswa igisata c'ubutunzi mw'iperereza, ubu yarahinduwe) bafata Amedée ajanwa gupfungirwa ku cicaro gikuru c'iperereza mu buryo buteye ubwoba. Ico gihe twaramutabarije hano: https://t.co/PJZKy9A9bU
Twarerekanye neza icatumye apfungwa: https://t.co/10js3utFpo
Twarerekanye kandi ivyo abamupfunze bashaka gushikako ico gihe: https://t.co/0K7dRY0gw9
Munyuma yarakuwe aho mw'iperereza, atwarwa gupfungirwa mw'ibohero rikuru rya Gitega. Twarabandanije kumutabariza, twerekana ko apfungiwe ubusa. Mu nyuma Amedée BWIMBA yahavuye apfungurwa, nkuko twabishikirije hano: https://t.co/L6jPLuoTBC
Ico ni igice ca mbere
@GeneralNeva, @NtareHouse, @FinancesBdi, @mediabox16, @MinTFPSS_bdi.
🚨‼️la famille du défunt Canjo Amissi a été informée et impliquée. Après de longues discussions entre la famille de Canjo Amissi et l’artiste kényan Bien, un accord a été trouvé. C’est ainsi que Bien a officiellement sorti cette chanson, fruit de cette entente.
🇧🇮🇰🇪❤️
@MattWallace888 The entire sequence of Air India Flight 171from takeoff to the crash was captured on CCTV.
The footage shows a clear and sudden loss of lift just seconds after the aircraft left the ground.
Legalize it, don′t criticize it
Legalize it, yeah, yeah, and I will advertise it
Some call it tampee, tampee
Some call it the weed
Some call it marijuana, marijuana
Some of them call it ganja, ganja
The alleged ‘evidence’ and ‘injury’ mentioned were not included in the @ForensicsRwanda report presented during the trial. How could the judge base a decision on matters that were never brought up in court?