Top Tweets for #AGAFOTO
🔴 #Agafoto Batanu badatana mu ndagano ?
Hari uwaravye amarira aya mashirahamwe ateza mu Barundi aca abishira mu gicapo.
1. FOMI yakira amafaranga y'ifumbire itarakora, abanyagihugu bakazorindira imyaka ntibayibone, bakisanga bariko bagura ukundi iyizimvye cane kandi ivuye muri FOMI nyene !
2. REGIDESO : amazi n'amatara vyabaye akananirabahinga. Fagitire zo ziguma ziza, bamwe bagasanga zaraduze bidasanzwe kandi ata mazi baronse. Ibikorwa vyinshi biriko birapfa kubera kubura umuyagankuba. Umuyobozi wa REDESO we yigamba ko ari umuhinga mu guca amatara. Aho ntihavuzwe abamaze imyaka bararishe compteurs none kugeza ubu batazi igihe bazozironkera.
3. PAFE irayora amafaranga y'amapisiporo ariko abarundi bakamara amezi n'amezi batazi igihe zizobonokera. Yamara uwutanze igiturire c'umurengera we akayironka !
4. SOPEBU yitwa ko irangura ibitoro. Abarundi ntibagifise n'ico bavuga ku bijanye no kwiyunguruza. Aho kurangura neza igikorwa ijejwe, ubuho ngo SOPEBU igiye no muvyo kwimba ubutare !
5. LUMITEL : umuvuduko wa internet mu Burundi usigaye iteye isoni. Aho ntihavuzwe abagura ama unités y'ukwezi bakaza babona ararangiye mu musi umwe !
Batanu badatanu mu ndagano mu kuruhisha Abarundi !
🔴 Nimba umuvuduko wa ya mbonakazoza ya Ndayishimiye wopimirwa ku muvuduko w'ibikorwa vy'aya mashirahamwe, izina bazorihindure bayite "Imbonakazoza ya BIHERABITYO"
Isanamu n'iya IA

Dear @HabibiQuotez tweet na reply ngomba gukora ku munsi zarangiye. So I will not #rely to your message ariko reka nguhe #Agafoto umuntu anyohereje kandi na @Oswaki nta ko afite ngo hari n’aka #Video azampa 😃 😃 😃
Any way #HeheNicyuma
……………………………………………………
More information regarding
#VisitRwanda @VisitRwanda_now
Website: https://t.co/K8mzB1eQXK
https://t.co/LcqkaFYDQD
SafariBookings Profile: https://t.co/BcAHEi9zX5
Or email us at
[email protected] or [email protected]

Arko ngo ntuza yagusaby imbabazi ngo woroshyemo basi amaze kubona ko kuzamuka bitari gukora iwawe😂😂😂😂🙌🏾
#Agafoto k ‘#Ijoro. Aha niho mpera mvuga ko @ScoviaMutesi ari #SeniorJournalist ejobundi mu kiganiro kuri @Mamaurwagasabo1 wumvaga atabibaza uyu Mudiplomate witwa @onduhungirehe uretse ko nyine yamushubije #Diplomatiquement ariko ubu twese tugomba kwemera ko uyu #MunyamakuruKazi nkwiye kumuzanira akantu mvanye i #Burayi agatsirika icyaka!
Ubutaha nzashaka Schengen Visa i #Kigali, nta bya #Nairobi.
Dore n’ubundi amatike y’indege yarahenze!
Any way #HeheNicyuma
……………………………………………………
More information regarding
#VisitRwanda @VisitRwanda_now
Website: https://t.co/K8mzB1eQXK
https://t.co/LcqkaFYDQD
SafariBookings Profile: https://t.co/BcAHEi9zX5
Or email us at
[email protected] or [email protected]

🇧🇪🇷🇼 (EN/FR/NL) Pleased to announce today the resumption of diplomatic relations between Belgium and Rwanda.
In a world marked by growing tensions, this is an important signal here in New York, the UN's host city, which embodies multilateralism and dialogue beyond our differences.
This is the culmination of a process of frank discussions with my counterpart and the result of a shared, respectful effort. I am convinced that we can set a positive agenda, mutually beneficial to our citizens, and grounded in the richness of our interpersonal relations.
We agreed on the importance of systematic dialogue, including on the points of disagreement that remain, such as the conflict in eastern DRC. Restoring diplomatic relations between states does not mean abandoning our position, but having structured channels for dialogue, and I will continue to defend the territorial integrity and sovereignty of the DRC.
We want to put our expertise in the region to work in support of mediation efforts as best we can, and we will continue to urge strict respect for the commitments made by all parties within the Doha and Washington processes.
———
Ravi d’annoncer ce jour la reprise des relations diplomatiques entre la Belgique et le Rwanda. Dans un monde marqué par des tensions grandissantes, c’est un signal important ici à New-York, ville siège de l’ONU qui symbolise par excellence le multilatéralisme et le dialogue au-delà des différences.
C’est l’aboutissement d’un processus de franches discussions mené avec mon homologue et le fruit d’un effort respectueux commun. Je suis convaincu que nous pouvons définir un agenda positif, mutuellement bénéfique pour nos ressortissants, et fondé sur la richesse de nos relations interpersonnelles.
Nous avons convenu de l’importance de dialoguer systématiquement y compris sur nos points de divergences qui persistent, comme sur le conflit dans l’Est de la RDC. Rétablir des relations diplomatiques entre États ne signifie pas renier nos positions mais disposer de canaux structurés de dialogue, et je continuerai à défendre l’intégrité territoriale et la souveraineté de la RDC.
Nous voulons utiliser notre expertise dans la région pour soutenir au mieux les efforts de méditation et nous continuerons d’exhorter au respect strict des engagements pris par toutes les parties dans le cadre des processus de Doha et de Washington.
——
Verheugd om vandaag de hervatting van de diplomatieke betrekkingen tussen België en Rwanda aan te kondigen.
In een wereld gekenmerkt door toenemende spanningen is dit een belangrijk signaal, hier in New York, de zetelstad van de VN die bij uitstek het multilateralisme en de dialoog voorbij verschillen symboliseert.
Dit is het resultaat van een proces van openhartige gesprekken met mijn ambtgenoot en de vrucht van een gezamenlijke, respectvolle inspanning. Ik ben ervan overtuigd dat we een positieve agenda kunnen uitstippelen, wederzijds voordelig voor onze burgers, en gestoeld op de rijkdom van onze interpersoonlijke relaties.
We zijn overeengekomen systematisch met elkaar in dialoog te blijven, ook over de blijvende meningsverschillen, zoals over het conflict in Oost-Congo. Het herstel van diplomatieke betrekkingen tussen staten betekent niet dat we onze standpunten opgeven, maar wel dat we over gestructureerde dialoogkanalen beschikken, en ik zal de territoriale integriteit en soevereiniteit van de DRC blijven verdedigen.
We willen onze expertise in de regio naar best vermogen inzetten ter ondersteuning van de bemiddelingsinspanningen, en we zullen blijven aandringen op de strikte naleving van de door alle partijen aangegane verbintenissen in het kader van de Doha- en Washington-processen.
@BelgiumMFA

#Agafoto Amezi atanu ararumanye umushikiranganji Gabby Bugaga agandaguwe.
Mu gatondo ko ku wa 16.4.2026 niho ikiziga c’umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru n’ibinyamakuru, Gabby Bugaga, catorwa mu bigazi hafi yo mu Kivoga kw'ibarabara rija i Bubanza. Vyiswe isanganya, ariko hari vyinshi bidasigurika muri iryo sanganya :
1. Ikiziga ca Gabby Bugaga cari kiryamye neza mu bibanza vy’imbere, ukuguru kumwe kuri mw’idirisha ry’iruhande ya shoferi
2. Aho mu bigazi ntibiboneka ico imodoka yoba yaragonze, ariko ku ruhande rumwe yaboneka ko yoba yarahonzwe.
3. Imfunguzo z’imodoka zari mw’isakoshi.
4. Ikiziga coba carerekanye ko yarashwe, abacogeje boba bategetswe kunuma.
Gabby Bugaga yari amaze amezi 8 ari umushikiranganji. Ntiyari bwasubirizwe muri CENI nka commissaire ajejwe ibikoresho (yari ajejwe amasoko). Gabby Bugaga yavugwa nk'uwuhagarariye inyungu za CNDD-FDD n’iza Reveriyano Ndikuriyo mu masoko ya CENI. Yamara haravugwa ko umupfasoni wo hejuru cane yari akeneye isoko ry'amakarata y'itora.
Nta matohoza yakozwe ku rupfu rwa Gabby Bugaga, nta n’ayemewe. Leta yavyise isanganya. Yarahambwe, yaribagiwe nk’abandi bose. Gabby Bugaga ntaco atari yarakoreye CNDD-FDD.
Focode yarakoze ikiganiro kw'igandagurwa rya Bugaga, mushobora kugisanga kuri Youtube ya FOCODE :
https://t.co/CBvcmO78pg

#Agafoto Ku wa 23.4.2023, Isidore Mbayahaga yatunganije ikoraniro ridasanzwe mw'ishengero ryiwe, aryita Special Sunday, araheza ariha iki cigwa ngenderwako :
"NIWE YIHEMUKIYE, NTAWOMURIRIRA."
Aho Général Alain Guillaume Bunyoni yari amaze imisi ibiri afatiwe ku mukuru w'umutumba ku Mubone, aho yari yanyegeye. Akiri umutegetsi, Bunyoni yari yitwa umugenzi wa Mbayahaga.
#Twibukanye

#Agafoto Uko ba Buramatari b’intara bari bifashe igihe Prezida Ndayishimiye yariko avuga ko Incungu y’Uburundi, Umuganwa Ludoviko Rwagasore, ariwe yazanye impwemu yo gusega Ababiligi !
Hari ku wa 31 7.2026
- Buramatari Parfait Mboninyibutse wa Burunga
- Buramatari Denise Ndaruhekeye wa Buhumuza
- Buramatari Liboire Bigirimana wa Gitega

🔴 #Agafoto : Maréchal Prezida !
Ntawundi n'umwe afise ubushobozi nk'ubwa Angeline Ndayishimiye mu Burundi. Yaba umukuru w'igihugu, yaba umukuru w'igisirikare, yaba umukuru w'umugambwe CNDD-FDD, yaba umukuru wa banki y'igihugu, yaba umukuru wa OBR, yaba umukuru w'iperereza, nta n'umwe anganya ububasha n'uyu mukenyezi.
Igisata cose ashatse aragitegeka bigakunda, uwo ashatse baramuha akazi canke bakamukura, ategetse uko amafaranga akoreshwa ntawuharira. Afise ububasha bwo guhindura inzego zimwezimwe uko zigunganije bikaba (akarorero ni ivyashikiye igisata co gufatana mu nda). Abashikiranganji adashaka barabogozwa. Aratanga amategeko ku nzego z'iperereza, uwo adashaka bakamukorerako. Uwo Prezida yanse guha umubonano mu biro, umugore amutumako muhira Prezida agataha amusangaho, maze ivyo mu biro bigahinduka ivyo muhira. Muri BRB arategeka bikaba, muri OBR akora ivyo ashatse. Amasoko ya Leta yiha ayo ashatse, no mu gihe umukuru w'igihugu aba atavyemeye. Ababizi ni muri CENI. Ubu ibisata vya ONU vyiga kumushimisha kugira ababitwara babe baramaze kabiri. Abaserukira Uburundi mu makungu bose bategekwa kurondera inzego zishobora kumuha agashimwe, uwutamushimishije akurwa ubutarariye. Abana biwe niwe ategeka ibisata bibakoresha canke bibaha amafaranga.
🔴 Abaserukira Uburundi bajejwe kumuronderera ubushimwe...
Ntwarante 2026 yahawe agashimwe k'umukenyezi w'akarorero mu Burundi
Rusama 2026 yahawe agashimwe k'umukenyezi w'akarorero
Mukakaro 2026 yahawe agashimwe ka Union Africaine bk'akarorero mu kwigisha abigeme.
Mukakaro 2026 yahawe agashimwe ka FNUAP i New-York. Uwuserukira Uburundi muri ONU asabwa buri mwaka gutanga izina rya Angeline mu bashobora kuronka ubushimwe.
Mukakaro 2026 yahawe agashimwe Global Health Award.
Umukuru w'igihugu asigaye ariwe muvugizi mukuru wa Angeline Ndayishimiye. Ubu nta jambo akivuga imbere y'ahakoraniye abarundi benshi ntagende atavuze ibitangaza vy'umukenyezi wiwe.
Kuva Angeline Ndayishimiye aronse ubushimwe aherutse gutahana, inzego nyinshi z'igihugu zahawe itegeko ryi gusohora amatangazo yo kumukeza. Kuri Television y'igihugu, abategetsi bakurakuranwa gusoma amatangazo avuga ingene uyu mukenyezi ari igitangaza c'imbonekarimwe mu Burundi.
🔴 Urugendo rwo kuja kuzana buno bushimwe bubiri rwasavye gukota indege yo muri Turkiya, ku mafaranga agera ku madolari 500.000 Fbu, ni ukuvuga imuliyaridi zibiri n'igice z'amarundi. Atashe yakiriwe na ba buramatari bose b'Uburundi, abategetsi bo hejuru bose b'abakenyezi be n'abatambukanyi b'abategetsi bo hejuru, hanyuma akwira igisagara ca Bujumbura ahimbazwa mu modoka iciye hafi imiliyaridi zibiri z'amarundi. Ubushimwe bw'uyu mukenyezi bushobora kuba butwaye igihugu amafaranga atari musi y'imiliyaridi zitanu. Aho harimwo kizimyamwoto nka 10 zokingira amasoko makuru makuru y'igihugu.
🔴 Iyi foto ya Maréchal yakozwe n'abashaka kwerekana ubushobozi budasanzwe uyu muntu agezeko mu Burundi. Ni inkorano.
------------------
Agashimwe ko mu Bwongereza ntikatanzwe n'Inama Nshingamateka y'Ubwongoreza nkuko vyabwiwe Abarundi. Katanzwe n'ishirahamwe ry'abadandaza ryitwa WBR Korp UK Limited. Katangiwe mu ngoro y'Inama Nshingamateka kubera haba hari umushingamateka yemeye kwitwa "parrain" w'ivyo birori. Ntabwo ari Inam1 Nshingamateka yaje kukamuha.
Koba karaguzwe ?

🔴 #Agafoto Uko umucafyi w'amakuru @FNisabwe abona umukandida Gabriel Banzawitonde agiye guhiganwa na Prezida Ndayishimiye.
Igicapo cerekana umugabo ataboneka afashe ukuboko kwa Banzawitonde, we akaboneka nk'umwana muto cane yitwaje igipupe canditseko APDR. APDR niryo zina ry'umuhambwe wa Gabriel Banzawitonde. Banzawitonde aboneka yishongora mu majambo y'igifaransa "tel père tel fils" (impfinzi y'intama itendera nka se), akongera ati : "ubu nzoja muri campagne bimeze neza."
Flo Nisabwe ashaka kuduha ubuhe butumwa ? Abacafyi nk'aba ntibigera basigura, umwe wese araraba akibwira ubutumwa akuramwo. Yoba ashaka kutubwira ko inyuma ya Kaburiyeri hanyegeje ukuboko kutazwi kuzoriha amafaranga ya Campagne be n'ingwati. Mu Burundi uwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu asabwa ingwati y'imiliyoni 100 z'amafaranga y'amarundi.
🔴 Inyuma ya #Cengetos, Banzawitonde azanye #INYAGAZE !
Ahejeje kwemezwa ko ariwe azitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu, Gabriel Banzawitonde yarahumurije abanywanyi biwe ko atazobura ayo mafaranga yose akenewe. Yavuze ko afise abakunzi b'umugambwe badashima kuja ahabona ariko biteguriye kuwuterera amafaranga yose akenewe. Ubu ngo afise umukenyuro mushasha ukomeye witwa #INYAGAZE. Uwo ngo niwo ugiye kuzana ayo mafaranga. #INYAGAZE ni umukenyuro uje gusubirira uwundi witwa #CENGETOS yavuga ko yakoresha mu matora yaheruka, aho atigeze ashobora gutunganya ikoraniro na rimwe ryo kwiyamamaza.
Kumbure kwa kuboko kwa wa mugabo atazwi Flo Nisabwe yacapa nikwo kugiye kuzana amanoti mu mukenyuro wa #INYAGAZE !
----------------------
🔴 Musomyi, umucafyi umuhaye amanoti angahe kuri 10 ?

🔴 #Agafoto 1975 : Umukuru w'umuryango w'Ubumwe bw'Afrika yari Prezida Idi Amin Dada w'Ubuganda.
Kuri ino foto, Prezida Idi Amin Dada yari yikorewe n'abazungu bane b'abongereza (Bob Astles, Claude Graham, James Herd, Richard Scanlon). Uwagatanu yari umunya Suède nawe yari afashe umutaka munini afutse Prezida Amin.
Hano Prezida Amin Dada yari agiye mu kibanza c'inzimano yari yateguriye abakuru b'ibihugu vy'Afrika bari bitavye ikoraniro ry'umuryango w'Ubumwe bw'Afrika. Yashaka kwerekana ko Afrika yikuyeko abazungu, aca avuga ati : "ubu vyarahindutse, umuzungu niwe yikorera umwirabure !" Bano bazungu bari abadandaza bakorera mu Buganda, maze bategekwa kwikorera Idi Amin Dada. Babikoze kugira bakize agatwe, ntibahave birukanwa canke ngo bicwe.
Kurongora umuryango w'Ubumwe bw'Afrika, Idi Amin Dada yabifashe ko bimugize Prezida asumba abandi, atahura ko bigiye kwibagiza amabi yakorera abanyagihugu biwe, mbere ko n'amakungu yose agiye kumwemera nk'igihangange. Nivyo vyahavuye bikwega impera yiwe.
🔴 Intwaro y'igitugu
Igihe Prezida Idi Amin Dada atorwa kurongora umuryango w'Ubumwe bw'Afrika (OUA) mu 1975, hari abakuru b'ibihugu benshi batari babishigikiye. Intwaro ya Idi Amin Dada yarimwo ihonyangwa ridasanzwe ry'agateka ka zina muntu. Buri mwanya abantu baguma banyuruzwa, bamwe bagatorwa ibiziga abandi ntibigere baboneka. Ubuganda cari igihugu cuzuyemwo ubwoba. Abatavuga rumwe na Idi Amin Dada, amahirwe yabo kwari uguhunga Igihugu, ubundi amaherezo kwari ukwicwa. Ubutunzi bwa Uganda bwafatwa nk'ubwa Idi Amin Dada n'abagenzi biwe, igihugu cari kigeze habi.
Prezida wa Tanzania, Julius Nyerere, yabona ko ari ibara kubona Afrika iserukirwa n'umuntu nka Idi Amin Dada. Ikoraniro ry'abakuru b'ibihugu vy'Afrika ryashizeho Idi Amin Dada ryitabwe n'abakuru b'ibihugu 19 gusa kuri 46 bari muri Afrika ico gihe...
Ku ruhande rwiwe, Idi Amin Dada yari yibona nk'intwari ya Afrika iriko igwana n'abakoloni. Muri Afrika hari bamwe bamuhimbaza ico gihe nka Prezida arinda adatinya abazungu, abandi bakamubonamwo umukuru w'igihugu ateza urubwa Afrika yose. Idi Amin Dada yari Général mu gisirikare, ariko ntiyari yarize amashure. Kimwe mu vyamuranga harimwo kumaramaza abitwa ko bize amashure menshi : #ibidogiteri, umugani wa Ntuzeya.
Idi Amin Dada yarangije kurongora OUA mu 1976. Umusi arangiza ikiringo ciwe, Igihugu ciwe caratewe n'ingabo za Israël ku kibuga c'indege ca Entebbe, maze zibohoza abanya Israël bari bafashwe mpiri.
Mu 1978, Prezida Idi Amin Dada yateye Tanzania ngo agomba kubohoza intara ya Kagera. Niho havuye amaherezo yiwe. Intambara yarangiye ingabo za Tanzania zigeze i Kampala ku murwa mukuru wa Uganda. Idi Amin Dada yahungiye muri Arabia Saoudite, ari naho yaguye muri 2003.
Ayo niyo maherezo y'uwari yiyise : "Nyenicubahiro Prezida w'ibihe vyose wa Uganda, Maréchal ku rugamba,, Dogiteri El Hadj Idi Amin Dada, Umwami w'ibikoko vyose biri kw'isi n'amafi yo mu nzuzi, Uwanesheje Ingoma y'abongereza muri Afrika na canecane mu Buganda".
🔴 Bagenzi, vya bintu vyo kurongora Ubumwe bw'Afrika haraho bishika umuprezida bikamutesha umutwe nkuku vyagendeye Idi Amin Dada mu 1975 !
Kubona Idi Amin Dada yarigeze kurongora Ubumwe bw'Afrika cabaye iceyi gikomeye kuri Afrika yose. Niho havuye iciyumviro ca Prezida Julius Nyerere ko Afrika idakwiriye kwama yitwaza ivyo kwubaha ubwigenge bw'igihugu iyo hari intwaro iriko irica abanyagihugu bayo.
---------
Uko niko izina rya Idi Amin Dada ryavugwa agitwara igihugu ca Uganda :
"His Excellency President for Life, Field Marshal Al Hadji Doctor Idi Amin Dada, VC, DSO, MC, Lord of All the Beasts of the Earth and Fishes of the Sea and Conqueror of the British Empire in Africa in General and Uganda in Particular."

#Agafoto Angeline Ndayishimiye mu masengesho ya CNDD-FDD, ku wa 22.01.2026 i Gitega.
@pnininahazwe , mu nkuru yitiriye #Agafoto , yerekana ifoto y’umutambukanyi wa @GeneralNeva amasaha make imbere yuko abashikiranganji 2 bakurwa.
Yandika ati : ⤵️
⏩️ "Hano hari umushikiranganji yari asigaje amasaha make ngo amwikureko. Aho nyene bose bari kumwe mu masengesho.
Hari bamwe bahora babwira umushikiranganji bati : "yamara utari kumwe na mabuja ntaho uzoshika !" Umushikiranganji yaca yitwengera, ati : "jewe chef twaravuganye neza ivyo ntegerezwa gukora, niwe nzi ko antwara..."
@pnininahazwe : " N'ejo n'ejo bundi, ukabona arasiritse gutya, uramenya ko hari abatagiye kworoherwa."
https://t.co/bEQJUBe7Vt

#Agafoto : Mundabire utuntu baba barimwo , uyu nawa mw’uzukuru wa Afande #PaulKagame , yo mukubita icitwa Judoka washigiri akamwaka iyo nkoho Caki ni kofi hejuru 🔥
Nihatari kweri #Dd nta n’isoni ipuuu
#Intarezamwezigisabo

#Agafoto Ivyago vya Prezida Umaro Sissoco Embalo birabandanya gukomera !
Inyuma yo gutembagazwa n'abasirikare biwe ku wa 26.11.2025, uwari Prezida wa Guinée Bissau, Umaro Sissoco Embalo, ubu amaze guhungira mu bihugu bitatu : Sénégal, Congo Brazzaville na Maroc. Amasoko menshi avuga ko ubu aba muri Maroc.
Muri ino ndwi (16.12.2025), umukenyezi wiwe, Dinisia Reis Embalo, yafatiwe i Lisbonne muri Portugal, mu gihe yari mu rugendo rwoba rwari kumushikana i Dubaï. Dinisia Reis Embalo yagirijwe ko indege yariko arakoresha (jet privé) yafatiwemwo imiliyoni zitanu z'ama Euros (amahera akoreshwa i Bulaya), yagirijwe kandi ko iyo ndege yabeshe iyo yariko iraja (Dubai). Dinisia Reis Embalo ariko akorwako amatohoza ku vyaha bibiri bikomeye : urudandaza rudaciye mu mategeko be no kugerageza kweza amafaranga yavuye mu vyaha (blanchiment de capitaux).
Hano kw'ifoto, Prezida Umaro Sissoco Embalo yariko yamura icamwa mu murima wa Prezida wa "Edeni", hari muri muri ndamukiza 2025. Amaze kwamura ico camwa, yafashwe n'impwemu yo kwiba amatora abanje kwankira umugambwe ugira kabiri mu gihugu kwitabira amatora y'abashingamateka n'ay'umukuru w'igihugu yabaye ku wa 23.11.2025. ibi nivyo vyakweze itembagazwa ryiwe, mu gihe bwaca ivyavuye mu matora bija ahabona.
Bagenzi, muze muririnda ivyo vyamwa bibujijwe muri "Edeni !" Kwiba amatora bikwega umuvumo, niko uwo bita "Sogo" yasize avuze...

#Agafoto Kubera iki baravye abanyagihugu batabona bimwe ?
Umukuru w'Inama Nkenguzamateka, Gervais Ndirakobuca, aravye abanyagihugu abona abana bazingamye kubera kubura imfungurwa zikwiye. Ku wa 10.10.2025, i Bukinanyana, Gervais Ndirakobuca yavuze ko ababazwa n'abamwishura ko abana badakura neza kubera ari abana b'abahutu. We yemeza ko ari ikibazo co gufungura nabi. Ivyo avuga birahuye n'ibiharuro bitangwa n'ikigo ca Leta kijejwe "Statistiques" cemeza ko abana barenga 55% bataronka imfungurwa zikwiye.
Prezida Ndayishimiye we siko abibona. We avuga ko abahoze bagwaye kwashi ubu aribo barya neza cane. Vyose akavyitumberezako iyo ariko aravuga ivyo kurya neza. Ndayishimiye abona ko abavuga ko abanyagihugu bashonje canke ko hari ivyo babuze ari abashaka ko we na bagenziwe basubira kugwara kwashi. Ivyo yabivugiye mu Rutana ku wa 15.10.2025. Abavuga ivyo yabise "ba Pacifique". None Gervais Ndirakobuca yoba nawe ari muri uwo murwi ?

#Agafoto Leta ya Ndayishimiye yaraye yirukanye umubiligi David Leyssens imuhoye iyi foto y'ikinyamakuru The Continent !
Ibisi nini itagira amapine, ihagaze ku matafari. Hejuru yikoreye imizigo itagira uko ingana. Abayirimwo bafyuye amaso, barajumarariwe. Iruhande, umugabo ashaka gusa na Evariste Ndayishimiye afise ibidumu bitatu, ariko agerageza kurongera igitoro mw'itanki y'ibisi. Imbere kuri bisi, hari ibendera ry'Uburundi. Mbere n'iyo bisi yitwa Burundi, dufatiye ku vyandiko vyayo.
Iyi sanamu yasohowe muri iyi ndwi n'ikinyamakuru The Continent co muri Afrika y'epfo. Iyi nkuru ivuga ko vyoroshe ko ingamiya ica mu jisho ry'urushinge kurusha kuronka igitoro ukuzuza itanki y'imodoka mu Burundi. Mu ncamake, inkuru ivuga ku bukene bw'igitoro mu Burundi be n'amagorwa y'abagerageza kwinjiza igitoro ca magendo : abafashwe baricwa canke bagapfungwa !
David Leyssens nawe aserukira mu Burundi igisata c'Ububiligi kijejwe gufashanya n'amakungu (ENABEL). Ajejwe ama projets aciye imiliyoni 75 z'a euros (hafi imiliyaridi 600 z'amarundi). Aho aboneye iyi nkuru, nawe yaciye akora "partage" ku rubuga rwiwe rwa Twitter.
Ntibwakeye kabiri, David Leyssens yahawe amasaha 48 ngo abe yavuye ku butaka bw'Uburundi. Bitegekanijwe ko uno musi aba yasubiye mu Bubiligi.
Mu Burundi bwa Ndayishimiye kirazira kwerekana amagorwa igihugu kirimwo. Kirazira gukwiragiza inkuru zitangwa n'ibinyamakuru mu gihe zitataryohera Ndayishimiye. Twese duhamagariwe kuvyina Imbonakozoza yo muri 2060 !
Uwutavyumva gutyo, nta kibanza afise mu Burundi. Intwaro zimeze gutyo, Evariste Ndayishimiye yazitaziriye #RyogoraDuhure !
------------
🔴 Iyi modoka itagira amapine, itagira igitoro, isabwa ko muri 2060 izoba iguruka !
Uwutavyemera, Ndayishimiye azomugurura kare !
@NtareHouse , @BurundiGov , @KwaNtare , @GeneralNeva , @MAEBurundi , @nshingamateka , @Burundi_senat

#Agafoto Shabani Nimubona ku musi wa mbere w'ibikorwa vy'Inama Shingamateka yavuye mu busuma bwo ku wa 05.6.2025.
Iyi Nama Nshingamateka y'uno mwaka ikwiriye kwitirirwa Shabani Nimubona, maze mu mateka y'Uburundi bakazibuka aho Evariste Ndayishimiye yagejeje igihugu kugeza aho umwicanyi rurangiranwa, atagira n'amashure yo gutahura ibuvugwayo, ahabwa iteka ryo kwitwa "honorable". Shabani Nimubona ni icumu rishinze mu mitima y'imiryango myinshi yanyururije abayo batigeze basubira kuboneka, yiciye abayo canke abo yaboreje igufa.
Shabani Nimubona "Honorable" ni "Déshonneur national".
Kazi muri Parlement Shabani Nimubona !
📷 Ifoto ya Iris News

3.Kuva agiye guhura n'uwo yamutelefonye ijisho ryabaye iryo. Abaryango biwe bakaba batabaza uwubishoboye wese ko yogira icakoze mukubafasha kumurondera,bagasaba aho yobari hose kwatogirirwa nabi
#Agafoto kiwe ntiturakaronka
@GeneralNeva
@CNIDH_Bdi
@KingBurundian
@pnininahazwe
#Burundi 01-07-2024 #Agafoto Angeline Ndayishimiye yibukije ko arico gihangange gisigaye mu Burundi.
Mu Birori vyo guhimbaza imyaka 62 iheze Uburundi bwikukiye, umupfasoni w'umukuru w'igihugu yaje yambaye umudari uhambaye w'Igihugu bita le "Grand Cordon".
Mu myaka iheze, uwo mudari waba wambawe n'abagabo babiri : Lieutenant-Général Adolphe Nshimirimana na Général Alain Guillaume Bunyoni. Aba bafatwa ko ari ivyo bihangange mu butegetsi bwa Prezida Nkurunziza.
Mu nyambaro yiwe, Angeline Ndayishimiye yibukije ko atawe bangana mu butegetsi bwa Prezida Ndayishimiye. Abahorana uwo mudari, umwe ari mu kuzimu, uwundi yaciriwe kuba buroko imisi yose asigaje kw'isi. Angeline Ndayishimiye bamwe bamufata ko ari we Prezida w'ukuri w'Uburundi muri kino gihe. Ico ategetse cose kiraba. Ivyo biri no mu vyatumye imigenderanire y'umukuru w'igihugu n'umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca itosekara rwose. Angeline Ndayishimiye niwe wenyene ashobora guhinduza Prezida Ndayishimiye ijambo aba yaraye apfunditse n'umushikiranganji wa mbere be n'umuyobozi mwishikira mu biro vy'umukuru w'igihugu.


📌🌍
Source: @pnininahazwe
#Agafoto
16.8.2004. Prezida Domitien Ndayizeye, icegera ciwe n'abandi bategetsi barishikiye mu Gatumba ahariko harashingurwa abanyamulenge 166 bari bishwe mu gitero cabaye mw'ijoro rya 13-14.8.2004. Uwundi yari ngaho ni Azarias Ruberwa yari icegera ca Prezida wa RDC.
19.9.2011. Prezida Pierre Nkurunziza, ivyegera vyiwe n'abandi bategetsi barishikiye ku kirabo Chez Les Amis mu Gatumba, ahari haraye habaye igitero cahitanye abantu 39. Ico gihe Prezida Nkurunziza yasibije urugendo yategerezwa kugira i New-York mu nama ya bose ya ONU.
26.12.2023. Prezida Ndayishimiye yabonetse ariko aratamba mu Cankuzo, mu gihe mu Gatumba bariko barashingura abantu 20 bahitanywe n'igitero cabaye mw'ijoro rya 22-23.12.2023. Abategetsi bose bahambaye bari batumiwe mu Cankuzo, mu gikorane c'amashimwe catunganijwe n'umuryango w'umukuru w'igihugu. Mu Gatumba, Leta yaserukiwe n'umushikiranganji Martin Niteretse.
Inyifato z'abakuru b'ibihugu mu bihe nk'ivyo haba hishwe abanyagihugu benshi zoba zifise insiguro ?
-------------------
Aya mabi arakwiriye kwama atohozwa neza n'imigwi yigenga kandi yizewe, abayakora barakwiye kwama bayabazwa.

Last Seen Hashtags on Sotwe
studioearthround
Seen from United States
睡奸
Seen from Thailand
anxiouspanda filter:videos min_faves:1000
Seen from United States
出世坂
Seen from Japan
nolimit()()()
Seen from Turkey
NHSRadio
Seen from Brazil
纹身图
Seen from Thailand
anxiouspanda(***)***+filter:native_video
Seen from Saudi Arabia
รับงานแกลง
Seen from Thailand
NYFA
Seen from Korea
Most Popular Users

Elon Musk 
@elonmusk
241.7M followers

Barack Obama 
@barackobama
119M followers

Cristiano Ronaldo 
@cristiano
114.6M followers

Donald J. Trump 
@realdonaldtrump
111.9M followers

Narendra Modi 
@narendramodi
107.2M followers

Rihanna 
@rihanna
98.7M followers

NASA 
@nasa
92.4M followers

Justin Bieber 
@justinbieber
91.8M followers

KATY PERRY 
@katyperry
90.1M followers

Taylor Swift 
@taylorswift13
84M followers

Lady Gaga 
@ladygaga
75.5M followers

Virat Kohli 
@imvkohli
73.5M followers

Kim Kardashian 
@kimkardashian
70.9M followers

YouTube 
@youtube
68.8M followers

Neymar Jr 
@neymarjr
66.5M followers

Bill Gates 
@billgates
65.2M followers

Selena Gomez 
@selenagomez
63.1M followers

The Ellen Show
@theellenshow
62.3M followers

CNN 
@cnn
61.8M followers

X 
@x
60.7M followers










