Top Tweets for #INDERO
🔴 Bigenda gute ngo umuvyeyi agere aho ava mu gihugu abayemwo neza, agasiga umuryango, akava mu kazi, maze akaja mw'ishamba mu rugamba ashobora gusigamwo ubuzima ?
Iyi foto imaze imisi ivugwako ibintu vyinshi cane bamwe barahimbaza nyeneyo, abandi baramutuka bakamukura agashambara, hari n'abageze ku rwego rwo kumuha umuvyeyi atariwe hanyuma bakavuga ko bazica abavyeyi biwe. Nkuko bimenyerewe, abitwa ko bari kumwe n'ubutegetsi bwa Ndayishimiye, gutukana bumva ariyo nyishu. Ko abantu bagera aho bafata ibirwanisho mu Burundi no mu karere kacu si ubwambere, kumbure si n'ubwanyuma hamwe inyifato zoguma ari izi. Ikibazo ciza umuntu akwiye kubaza coba : bigenda gute ngo umuntu agere aho yumva yotanga ubuzima bwiwe kugira abohoze igihugu ? Inyishu ituma ivyo bintu bidasubira yoba iyihe ?
🔴 Nyene ifoto ni nde ?
Umupfasoni Pamela Kazekare arazwi rwose ku mbuga ngurukanabumenyi. Arazwi ko ari umurundikazi. Arazwi ko yabaye umumenyeshamakuru kuri radio y'abanyagihugu RPA. Arazwi ko mu nyuma yabaye umumenyeshamakuru mu Bubiligi. Ari mu bakenyezi bambere b'abirabure bashoboye kuvuga amakuru kuri televeziyo mu Bubiligi. Arazwi ko yabaye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ukiringo ca gatatu ca Prezida Nkurunziza cahonyora ibwirizwa shingiro muri 2015. Arazwi ko aba muri Canada, ko naho yahabaye umumenyeshamakuru, ko ahafise iyindi mirimo ahakorera, kandi ko ahafise urugo, ko ari umuvyeyi. Arazwi ko yama ariko arasemerera agwanya akarenganyo kari mu Burundi. Arazwi kandi ko ashigikiye umuhari Red-Tabara, ntiyigeze abihisha.
Ubundi hari benshi bashimira Imana iyo baronse uko baja kuba muri Canada. None bigenda gute ngo uwashitseyo abe ariwe ahitamwo kuvayo akaja kuba mw'ishamba aho buri saha ashobora kwicwa ?
🔴 Ikibazo kimaze kuba ku bantu benshi mu karere kacu.
Muri nzero 1971, hari umusore w'imyaka 26 yakora mu biro vya Prezida wa Uganda, yumvise ko Général Idi Amin ahejeje gutembagaza Prezida Milton Obote, uwo musi nyene aca agira inama na bagenziwe, bamurungika muri Tanzania kwa Prezida Nyerere kugira amumenyeshe ko bashaka gutangura urugamba rwo kubohora Uganda. Uwo musore yari yitwa Yoweri Kaguta Museveni. Ubuzima bwiwe bwahindutse urugamba rw'imyaka myinshi, yahatswe kwicwa kenshi, yiswe umwansi w'igihugu ciwe, kugeza aho afata igihugu inyuma y'imyaka 15 ! Ubu amaze imyaka 40 atwara igihugu, yaragihinduye akigira igihugu c'amahoro abanyafrika benshi bahungiramwo.
Mu 1990, hari umugabo w'impunzi muri Uganda, yagize amahirwe arungikwa kwiga ivyigwa bihambaye mw'ishure ya gisirikare muri Leta zunze ubumwe z'Amerika. Yari afise imyaka 33, niho yari agishinga urugo rwiwe, umukenyezi wiwe yari yibungenze. Uyu mugqbo yari yahunze Urwanda afise imyaka hafi itatu. Abiwe ntibari barekuriwe gutaha mu gihugu cabo, ababikoze babaho bacunzwe bidasanzwe, bakanagirirwa nabi. Aho yari mu vyigwa bihambaye muri Amerika, yaronse amakuru ko umuvandimwe wiwe Fred Rwigema yaguye ku rugamba ariko agerageza kubohora Urwanda. Urugamba rwari rwifashe nabi. Ako kanya yahisemwo gutaha, yikura mu mahirwe atabona benshi, asiga mu mahanga umukenyezi yibungenze, aja kurongora urugamba rwasa n'urutagira kazoza. Ubutegetsi bw'ico gihe bwaramututse amabi yose ashoboka, bwamwise inyenzi, ntibwasiba kumucapa ataco amaze. Incuro nyinshi yarahatswe kugwa ku rugamba. Yitwa Paul Kagame, ubu amaze imyaka 26 arongoye Urwanda. Igihugu yaragihinduye ku rugero rutangaje !
Mu 1995, hari umwigisha yari muri kaminuza y'Uburundi. Yari afise imyaka 31, yari amaze umwaka ashinze urugo. Se yari yishwe mu 1972, nawe yaronse amakuru ko ashobora kwicwa azira ubwoko bwiwe. Ntiyasezeye umukenyezi yakunda, yaduze mu mashamba ya Bujumbura rural, ata vyose, atangura urugamba rutaboneka ko hari aho ruzogera. Akiri ku rugamba yiswe umwansi w'Uburundi n'ibindi bitutsi vyinshi cane, yarahakomerekeye bikomeye, yarahatswe kwicwa kenshi. Yagarutse mu rugo inyuma y'imyaka 8, muri 2005 naho yatowe kuba umukuru w'igihugu. Yitwa Petero Nkurunziza.
Abo bose ikibazo ni kimwe : vyagenze gute ngo bate ibihambaye mu buzima bwabo maze baja mu rugamba batazi nuko bazovamwo amarembe ? Ni igiki gituma umuntu aheba vyose akaja mu rugamba rutaboneka nuko rufise kazoza ? Kuri bose inyishu ni imwe : bitumwa n'akarenganyo kaba kari mu gihugu, Leta zikazivya abanyagihugu aho gutora inyishu. Urugamba ntiruryose, ni amananiza. Abantu barujamwo kubera ata nyishu babona mu maLeta yabo.
🔴 Inyishu z'ama Leta arenganya zama zisa !
Leta ya Idi Amin Dada ntiyigeze yemera ko iriko igwana n'abaganda : yavuga ko yatewe na Tanzania, yavuga ko igwanira iteka ry'igihugu, ko abayitera banka igihugu cabo bagafasha abanyamahanga. Mu nyuma ivyo bitutsi vyarasubiwemwo na Leta zakurikiye Idi Amin Dada. Mu Rwanda, Leta ya Juvenal Habyarimana yavuga ko yatewe n'Ubuganda, abagize FPR bo nta n'ubwo yemera ko ari abantu yabita inyenzi. Yahavuye ikora ishano mu 1994. Mu Burundi, Leta yaravuga ko abateye bava muri Tanzania, yaravuga ko ari abansi b'Uburundi, yarabita amazina ateye ubwoba nka TTG (tribalo terroristes génocidaires). Ayo maLeta yose ntiyigeze yemera ko hari ikibazo gikwiriye gutora umuti.
Kuba Pamela Kazekare ageze aho aja gufata umuheto, inyishu si ukumutuka, si ukumucapa na AI, si ukumukura agashambara. Nta gitutsi coza gikomeye kurusha ubuzima bw'ishamba nawenu. Inyishu si ukumukanga ko mu Burundi hari igisirikare gikomeye n'imbonerakure zigavye. Inyishu si ukumukangisha kwica abavyeyi biwe. Ivyo niyo n'ayandi maLeta yakoze mu karere. Inyishu nziza ni ukwemera ko mu Burundi hariho ikibazo gikomeye, maze abatwara bakemera ko ibibazo bivugwa, vyigwa kandi bigatora umuti.
Pamela arashobora kugwa ku rugamba, nivyo yemeye mu guheba vyose, kumbure n'abiwe barashobora kugirirwa nabi nkuko vyakozwe n'intwaro yo mu Rwanda mu 1994. Ariko siwo muti. Ba Pamela bashobora kuba benshi cane. No mu butegetsi bariyo, mu gisirikare bariyo, mu mbonerakure barimwo bapfa kwemerana ariko bakarara bararira kubera akarenganyo. Bangahe batwandikira mu mbonerakure ababo banyurujwe bakadutakambira ngo ntitubavuge amazina ? Bangahe batwandikira ko banyazwe utwabo ariko batagira aho bitura ? Bangahe babura ababo kubera ata miti mu bitaro bivuye k’ukuba ubutunzi bw'igihugu buri mu karwi gatoya kagifukamye mu nda ? Abo bose ejo barashobora kuba abandi ba Pamela.
Birateye isoni kubona ubutegetsi burekerana ababukomokamwo bakabandanya imvugo zibangamira imiryango. Baribagiye ko benshi bagiye ku rugamba basiga abakenyezi babo, mbere bamwe bakaguma bakora muri Leta ? Baribagiye ko Petero Nkurunziza yarongoye urugamba ariko Denise Nkurunziza akaguma mu kazi muri PAFE ? Baribagiye ko Leonard Nyangoma yarongoye urugamba rwa CNDD ariko ko se yagwaye indege ya gisirikare ikaba ariyo imujana kumuvuza mu bitaro i Bujumbura ?
Abavyeyi ntaco bapfana n’ibikorwa vy’umwana wabo akuze. Ubuntu buradusaba kwubaha imiryango y’abo duhanganye canke abo tutabona kumwe ibintu.
🔴 Tugumane ubuntu
Amatati mu bihugu ntabura. Ubutwari buhagaze mu kumenya kuyatorera umuti. Abategetsi b'intwari baboneka mu bihe bitoroshe, batora umuti ibara ritaragwa, bakarinda intambara ibihugu vyabo. Abategetsi b’ibito bo bakwegera ibihugu vyabo, barareka ubuntu bugapfa, igihugu kigasigra ata muziro gifise.
🔴 Ni nde azobera Uburundi umutabazi mwiza ngo arinde ko amaraso y'abarundi aseseka ? Pamela n'abo bari kumwe ni abana b'Uburundi. Abasirikare n'imbonerakure ni abandi bana b'Uburundi. Bose amaraso yabo ntakwiriye guseseka. Harakenewe umuti !

Mu #Burundi, kutavuga ibijanye n’ubutinyanka biracabangamira imibereho y’abigeme. Dushigikire ikiyago hagati y’abavyeyi n’abana kugira umwigeme wese akurane iteka, icizere muri we n’umutekano aho abaye. #Ubutinyanka #Amagara #Indero

@DwimaEdwin @VaniaIce Ntiyomwemera ahubwo narabe uyundi basangiye #indero nkeeuu! AMA post kuri facebook simeza na gato!
3/4.🤝 Haravuzwe kandi ko bokomeza kubumbatira amahoro n’umutekano, ndetse bakakira neza Imbonerakure nshasha zãje muri za kaminuza, kandi bakazishigikira mu nzira yo kwiga no mukuzereka ayandi mahirwe y'ubuzima .
@Se94538Severin
@BoboBurundi
@PButanyerera
#Amahoro
#Indero

🎥 AMASHUSHO 🎥
Kurandura ama 'caméras', guturira ibiro vy'abayobozi, gufatanwa urumogi... ng'ivyo bimwe mu biriko biratuma ishure Green Hills International College ry'i @Gitega riguma rivugwa kano kanya.
Hano tubafitiye ido n'ido ⤵️
#IrisToday
#Indero
🎥 AMASHUSHO | Syndicat y'abigisha n'abandi bakozi bakora muri Kaminuza ENS baherutse gusaba Reta kubongerereza agashahara kabo kugira imirimo ibandanye igenda neza mu rutonde atawuhungabana. Basigura ko bisunga ivyankenerwa uko bisigaye bigurwa uyu munsi
#IrisToday #Indero
🎓 "Reta yaratubwiye ko abana biga ku buntu ni vyiza. Ariko twarabonye ko bidakunda ko biga ku buntu n'ikimenyamenya n'uko tutagira abigisha bakwiye."
🎙️ David Ninganza arongoye @sojpae_burundi abona ko Abarundi bose bakwiye guterera kugira ibibazo bihanze #indero mu #Burundi bikemuke. Hari mu kiganiro catunganijwe n'ishirahamwe @ParcemBurundi kuri uyu wa 25 Nyakanga 2025
#IrisNews
Uwaserekuye Diaspora #BDSD( Suwede) #Augustin_Ruzima asanzwe anayirongoye yamenyeshejeko ico gikorwa bagikoze biyumviriye ingorane abana bagira.
Yanashimiye abaringaho bose yongera atera intege abanyeshure basanzwe bahiga aho abipfuriza kumenya bagashika kure
#INDERO
#RTBB

It’s out now! 🎬🔥
“Respectful (Indero)”
Dir. by @eazy.cuts 🎥 | Prod. by @dollarbeatsofficial & @plug_kulture 🎹
Let’s run it up! Link in bio.
#Respectful #Indero #IshKevin #TrappishMusic #EastAfricanSound
Sorry for the delay,Respectful (Indero)” music video now premiering, we go live at 6:30PM sharp! 🎬
Eid Mubarak to all my Muslim fans this one’s also a gift from me to you 🕋💫
#Respectful #Indero #IshKevin #EidGift #NewDrop #TrappishMusic

RESPECTFUL (INDERO)” Audio drops this Tuesday,Music Video drops Thursday on @youtube 🔥
Get ready for the fire 🔥🖤 #IshKevin #Respectful #Indero
Prod @dollarbeatsofficial
🎥 @eazycuts

kwubahuka gutuka indongozi, kwubahuka gutuka umwami, bibiliya ntikwita imbwa ahubwo ikwita umuvyimba wimbwa kuko ubawuriye igiti kiturirwa ugatuka umwami
#Indero
#BURUNDIbwiza
#Abatwip
Ehe aka gahinda kuyu muntu😥
Dukore kugira uwawe canke uwanje ntazokure uku.
Merci @Sir_Umuhirwaa2 pour iyi cadre waduhaye ko kuvuga ivyacu mu discrétion
#CabinetTurere #Indero

Uno mwanditsi wa Yaga araducira ku mayange ibigumbagumba afitiye @UB_Rumuri ariko...uko yayisize s'iko yayisanze 🥲 ⤵️ https://t.co/01xGF6I1HT
#Burundi #indero
Last Seen Hashtags on Sotwe
Omegle(((())))******* filter:native_video
Seen from Turkey
suds #nsfw
Seen from United States
ometv
Seen from Singapore
mommy
Seen from United States
cuckoldlife
Seen from Australia
gunshownsfw
Seen from United States
ห้องน้ําปั๊ม
Seen from Thailand
ระยอง
Seen from Thailand
momsonn
Seen from Netherlands
鶴田晋一
Seen from United States
Most Popular Users

Elon Musk 
@elonmusk
241.2M followers

Barack Obama 
@barackobama
119.1M followers

Cristiano Ronaldo 
@cristiano
112.9M followers

Donald J. Trump 
@realdonaldtrump
111.8M followers

Narendra Modi 
@narendramodi
107.1M followers

Rihanna 
@rihanna
98.3M followers

NASA 
@nasa
92.3M followers

Justin Bieber 
@justinbieber
91.5M followers

KATY PERRY 
@katyperry
89M followers

Taylor Swift 
@taylorswift13
83M followers

Lady Gaga 
@ladygaga
74.4M followers

Virat Kohli 
@imvkohli
72M followers

Kim Kardashian 
@kimkardashian
70.5M followers

YouTube 
@youtube
68.8M followers

Neymar Jr 
@neymarjr
64.9M followers

Bill Gates 
@billgates
64.6M followers

The Ellen Show
@theellenshow
62.4M followers

Selena Gomez 
@selenagomez
62.1M followers

CNN 
@cnn
61.8M followers

X 
@x
60.8M followers




























