Kubw'Amabanga ajanye no kubohora igihugu iyi space izob'ejo 20h
Merci pour la compréhension.
Hama kubavug'ubujuju naho mumenye ko aho bigeze Ubu Red Tabara iri
UNSTOPPABLE, igihugu kizotabarwa ntayindi nzira
Mwitegure ejo canke yirya y'ejo muga ejo c'est possible.
Mwitegurir'iki?
Space y'iteka Na Afande @ikigatanyakazi , ari mu ntwari zishikiye kuri terrain kugira zibohore igihugu.
Uwumva yo mwihanga aragenda bahangane kuri terrain.
Ejo tuzoyaga kurugamba rwo kuri terrain nyarwo
Karibu mwese murahawe ikaze
Triste d’apprendre le décès du Dr Pie Masumbuko (95 ans), ancien Vice-Premier ministre du #Burundi.
Je l'ai rencontré à #Abidjan en 2018. Un sage, un patriote, une mémoire phénoménale.
Immense perte pour le #Burundi.
Mes condoléances à ses proches.
Qu’il repose en paix !
It is with deep sadness that I heard of the passing of Patrick, the middle blocker of Kepler Volleyball Club, after his battle with stomach cancer.
Patrick was more than just a talented volleyball player—he was a dedicated teammate, a fighter, and an inspiration to many. RIP 😭
#KahiseKacu Tumwe mu tubazo abakiri bato babaza cane ku musi duhimbaza ukwikukira.
🔴 Rwagasore yoba ariwe yatanguye gutwara Uburundi bwikukiye ?
Umuganwa Ludoviko Rwagasore ntiyigeze atwara Uburundi. Uburundi bwikukiye, Rwagasore amaze amezi 8 yarishwe. We ntabwo yigeze abona indépendance y'Uburundi.
Ku wa 18.9.1961, umugambwe wiwe UPRONA waratsinze amatora y'abashingamateka, uronka intebe 58 kuri 64 (ni ukuvuga urugero rwa 80%). UPRONA wari umugambwe usaba ukwikukira kwa vuba bwango (indépendance immédiate) mu gihe urunani bahiganywe rwitwa Front Commun rwo rwasaba ko habaho Leta y'Abarundi mugabo kwikukira bikazoza inyuma. Inama Nshingamateka niyo yahisemwo ko Rwagasore aca aba Premier Ministre (umushikirangoma wa mbere), nawe arashinga Leta yiwe ku wa 25.9.1961.
Ariko aho hose Uburundi ntibwari bwikukire. Leta ya Rwagasore niyo yari kuvugana n'ababiligi be na ONU ingene Uburundi bwari kuca bwikukira. Rwagasore yagandaguwe ata n'ukwezi guheze atsinze amatora. Yapfuye Uburundi bukuri mu minwe y'umubiligi, Résident Général Jean-Paul Harroy.
🔴 Ni nde yavuze ijambo umusi Uburundi bwikukira ?
Ijambo ry'uwo musi ryavuzwe n'umuganwa André Muhirwa yari Premier Ministre.
Inyuma y'urupfu rwa Rwagasore, André Muhirwa niwe yatowe n'Inama Nshingamateka ngo amusubirire. Leta ya Muhirwa niyo yaciye iganira n'ababiligi be na ONU ingene Uburundi bwikukira. Muri nzero 1962, Résident Général Jean-Paul Harroy yarasubiye iwabo mu Bubiligi. Hanyuma ku wa 01.7.1962, isaha zitandatu z'ijoro (minuit) Uburundi burikukira, Ibendera ry'Ububiligi riramanurwa, iry'Uburundi riraduga. Premier Ministre André Muhirwa niwe rero yashikirije ijambo ryo kwikukira. André Muhirwa yarabandanije kuba Premier Ministre gushika muri ruheshi 1963.
🔴 Aho twikukira ni nde yaciye aba Prezida w'Uburundi ?
Aho twikukira mu 1962, Uburundi ntibwari bwabe republika, bwari burongowe n'Umwami Mwambutsa IV Bangiricenge. Mwambutsa yagumye atwara Uburundi gushika ku wa 08.7.1966 aho yakombowe n'umuhungu wiwe, Umuganwa Samuragwa Charles Ndizeye, yabaye Umwami kw'izina rya Ntare V. Twatanguye kuronka Prezida kw'igenekerezo rya 28.11.1966 aho Capitaine Michel Micombero yatembagaza Umwami Ntare V Charles Ndizeye.
🔴 Rwagasore yoba ariwe yarondeye indépendence y'Urwanda ?
Oya sivyo. Umugambwe UPRONA wari umugambwe wo mu Burundi gusa. Ntiwigeze uba umugambwe wo mu Rwanda. Mu Rwanda bari bafise iyindi migambwe yabo.
Mu Rwanda, Umwami Mutara Rudahigwa niwe yariko aharanira ukwikukira kw'igihugu ciwe, aca agandagurirwa mu Burundi, ku wa 25.7.1959. Umugambwe wari ufise ivyiyumviro nk'ivya Mutara Rudahigwa witwa UNAR wari urongowe na François Rukeba. Uyu mugambwe wararwanijwe rwose, ababiligi babishiramwo indyane z'amoko zikomeye kugeza aho haba ubwicanyi bufatiye ku moko mu 1959, intwaro ya cami ica irafutwa mu 1961. Ivyo vyose vyabaye Urwanda rutarikukira. Igihe Urwanda rwikukira rwatwarwa na Grégoire Kayibanda wo mu mugambwe PARMEHUTU wari ushigikiwe n'abakoloni.
Aha twokwongerako ko Ububiligi na ONU bari bipfuza ko Uburundi n'Urwanda vyikukira bifatanye nk'igihugu kimwe. Abarundi n'Abanyarwanda bose baravyiyamirije. Leta ya André Muhirwa yarimiriye kure rwose ico ciyumviro. ONU (ivuganye n'abaserukira Uburundi, Urwanda n'Ububiligi) niyo yashinze itariki yo kwikukira mu Burundi no mu Rwanda : 01.7.1962.
🔴 Mbega hakiriho Ababiligi, Umwami Mwambutsa yatwara iki ?
Mu gihe c'intwaro y'ababiligi, Umwami w'Uburundi nta nguvu yari afise. Yarashobora gukora ivyo ababiligi bamurekuriye gusa. Hariho igice kinini kijanye n'imico n'imigenzo y'abarundi Umwami yashobora gukorako. Ariko muri rusangi, Umwami n'abaganwa bakora ivyo ababiligi babemereye gukora.
Tumaze kwikukira niho Umwami Mwambutsa yasubiriye kugira ububasha bwose ku gihugu ciwe. Icari carahindutse, dufatiye ku bami ba kera, nuko twikukiye Igihugu caciye kigendera kw'ibwirizwa shingiro.
🔴 Kubera iki ku musi wo kwikukira havugwa ijambo rya Rwagasore kandi kwikukira vyabaye yarapfuye ?
Iki kibazo kirahambaye. Ku ruhande rumwe bavuza ijambo rya Rwagasore kugira bibutse uruhara rudasanzwe yagize mu guharanira ukwikukira kandi akaba yishwe azira urwo rugamba. Ni ijambo ry'incungu y'Uburundi.
Ku rundi ruhande, ijambo rya André Muhirwa ntirivuzwa kubera abategetsi b'inyuma batari bipfuza guha agaciro André Muhirwa kandi yari yarakuwe mu mabanga. Mu bisanzwe, abaharaniye ukwikukira nta gaciro bahawe n'intwaro zakwikirikiye, benshi bishwe nabi cane mu nyuma, abandi baribagiwe bapfa nk'abantu batazwi.
🔴 Rwagasore yoba yarasize abana ? Umukenyezi wiwe ari hehe ?
Ludoviko Rwagasore yubakanye na Marie-Rose Ntamikevyo ku wa 12.9.1959. Imfura yabo, Marie-Thérèse Rwagasore, yavutse ku wa 03.6.1960, aca yitaba Imana ku wa 15.11.1961, ukwezi kumwe inyuma ya se. Umwana wa kabiri, Marie-Pia Rwagasore, yavutse kw'igenekerezo rya 28.11.1961 (ukwezi n'igice inyuma y'urupfu rwa se), aca yitaba Imana ku wa 23.02.1962. Icabishe kivugwako vyinshi. Mu muryango hari abavuga ko abana bari bafise ingwara, hari abandi bakwije urukurukuru ko boba bishwe biciye mu ncanco batewe zitari zo. Ariko nta matohoza yabikozweko. Abo bana ba Rwagasore bahambwe iruhande ya se hariya ku musozi wa Vugizo i Bujumbura.
Umukenyezi wa Rwagasore, Marie-Rose Ntamikevyo, ntiyorohewe inyuma y'impfu z'abiwe. Hari uwundi mwana yibarutse mu myaka ya za 70, ariko inyuma gato Marie-Rose Ntamikevyo nawe yaciye asandaba ku wa 09.11.1973, ahitanywe n'ingwara. Urupfu rwiwe narwo nyene rwaravuzweko vyinshi, naho ata matohoza yabaye.
Mu butungane, hari abandi bana babiri bavuzwe ko ari aba Ludoviko Rwagasore. Hari umukenyezi yitwa Marie-Claire Burikukiye yavutse ku wa 04.7.1962 kuri Mathilde Mukantabana. Ni ukuvuga ko Rwagasore atigeze abona uyu mwana yavutse ku mukenyezi batari bubakanye. Hari umuhungu yitwa Jean-Pierre Ndeze yoba yavutse ku munyarwandakazi. Uyu avugwa ko yishwe mw'ihonyabwoko ryakorewe abatutsi bo mu Rwanda mu 1994. Jean-Pierre Ndeze avugwa ko yasize umwana aba muri Leta zunze ubumwe z'Amerika,. Aya mazina y'aba bana babiri yaragiye arafatwako ingingo mu butungane, mu bihe hariho abariko barapfa ibisigi vya Rwagasore. Ku ruhande rwacu nta kinini tuyaziko.
Marie-Claire Burikukiye yarabaye umushingamateka w'Uburundi mu Nama Nshingamateka y'umuryango wa EAC (2017-2022), aho yarungitswe n'umugambwe UPRONA (ishami rya Concilia Nibigira). Muri UPRONA baremeye Marie-Claire Burikukiye nk'umwana wa Rwagasore, bagirako baramushikiriza ibisigi vya se.
Mushiki wa Rwagasore, Umuganwakazi Rosa-Paula Iribagiza avuga ko atemera abo bandi bana.
🔴 André Muhirwa yahavuye akora iki mu nyuma ? Abandi baharaniye intahe yo kwikukira vyabagendeye gute mu nyuma ?
Premier Ministre André Muhirwa yakuwe mu mabanga n'Inama Nshingamateka muri ruheshi 1963. Yasubiriwe na Petero Ngendandumwe. Mu nyuma André Muhirwa yarabaye Ministre d'Etat muri Leta ya Albin Nyamoya mu 1964, no muri Leta ya Léopold Biha muri ntwarante 1966, yaranabaye umukenguzamateka mu 1965. Inyuma y'itembagazwa ry'intwaro ya cami, André Muhirwa yarapfunzwe gushika mu 1967. Mu nyuma yarakoze ku kivuko ca Bujumbura. Yaraserukiye Uburundi muri Tanzania kuva mu 1975 gushika mu 1976. Mu nyuma ntiyasubiriye kuvugwa cane muri politique. Muri 2001 ari mu bashinze umugambwe PMP (parti monarchiste parlementaire). Yitavye Imana muri 2003, ku myaka 83.
Inyuma y'ukwikukira, abaguharaniye baracanyemwo cane. Harabuze indongozi nka Rwagasore imenya guhuza Abarundi. Abo yasize basigaye bararyana, hazamwo no kwicana. Icegera ca Rwagasore muri Leta, Pierre Ngendandumwe, yaragandaguwe muri nzero 1965. Hari abandi bishwe muri gitugutu na kigarama 1965. Hari abishwe mu 1972. Hari abagiye barapfungwa. Hari benshi bapfuye batacibukwa nuko hari ico bamariye Igihugu.
Umuvyeyi wa Rwagasore, Umwami Mwambutsa IV Bangiricenge, ari nawe yatanguye gutwara Uburundi bucikukira, yapfanye agahinda kenshi mu Buswisi mu 1977. Ntaco Igihugu cigeze gikora kijanye no kumuha iteka ry'uwatwaye Uburundi ubwambere kuva bwikukiye.
30 juin, aujourd'hui @benbabunga nous aurait raconté l'histoire des indépendances de nos pays dans la sous-région. Il aurait révélé et rappelé les meandres de notre accès à l'indépendance, les erreurs et les succès, afin de mieux organiser notre futur commun : Saviez-vous qu'en 24 heures nos trois pays RDC-Rwanda-Burundi vont fêter leurs indépendances ? D'ailleurs si la RDC c'était le 30 juin 1960, le Rwanda et le Burundi c'était le même jour : le 01 juillet 1962 : pays jumeaux.
Ey justement... cet humanitaire, passionné d'histoire, est aujourd'hui incarcéré au Burundi sur demande de Kinshasa après des délations de 2 agents des renseignements Congolais(dont un journaliste)ayant fui au Burundi.
Nous espérons que Benjamin sera bientôt libre.
Vive l'indépendance, que nous devons rendre complète et réelle pour tous !
@prevotmaxime@hrw
50 ans debout, 50 ans de combat ! Face aux calomnies, aux menaces et à l'exil, Pacifique Nininahazwe reste le phare de notre résistance. Un hommage en vers cette voix indomptable qui dit NON à la dictature.
Par Kiki Daniel.