Top Tweets for #AMATORA
Jenoside: icyaha gifite uburemere. Ntigomba kugirwa igikoresho cyo gufata ubutegetsi no kubugumaho. Uwahanuye indege yaritwaye Perezida #Habyarimana, yirindaga ko hazabaho #amatora asesuye. Uwiyita ko #yahagaritse jenoside, inyandiko za #FPR ziramuvuguruza. Kwemera ukuri si bibi.

Vyaheze @GeneralNeva yamaze kwizerwa mw’ikoraniro kaminuza ridasanzwe kuruyu wa mungu 26 Ndamukiza 2026 ngo azobe umukandida w'umugambwe @CnddFdd matora y’Umukuru w’igihugu ya 2027.
@KwaNtare @NtareHouse
@RTBB / #Amatora

🗳️ #Amatora y'umukuru w'igihugu yo muri 2027 ariko aregereza.
✨ Imyiteguro iraremvye kuba nyeporitike .... Umviriza Umuvugizi wa #CENI, umukuru wa #UPRONA, n'uwa #RANAC bari abatumire mu kiganiro #DUKUNDE_UBURUNDI co kur'uwu wa 25 Ndamukiza 2026.
👂Umviriza ikiganiro cose uciye kuraka kagozi
👇👇👇👇
https://t.co/fLQ6fdcpq6
Amatora ya @PSF_RWA arimo kuba UYU MUNSI (9–16 Werurwe 2026)!
Twiteguye, se wowe witeguye?
Tora abayobozi bazateza imbere urwego rw’abikorera mu Rwanda mu myaka 3 iri imbere.
Zana imbaraga zawe kandi UTORA! Ijwi ryawe rigena ejo hazaza! #PSFRwanda #Amatora #Ubuyobozi

Umva uko umunyarwanda-kazi umaze imyaka 43 muri #Centrafrique asesengura #amatora ya 2025 muri iki gihugu.
👇🏻
https://t.co/yi93kn0KTH
Mwarakoze cyane Hon #AnneMarieGoumba

#Amatora:Umugumyabanga #Emmanuel_Ntirandekura,niwe ahejeje kwongera kwizerwa n'ikoraniro ry'Abagumyabanga ryo kuri uyu wa 19/10/2025,kugira ngo abandanye arongora Umugambwe @Cnddfdd muri @BubanzaCommune2 y'Intara ya @Bujaprov2025,cokimwe na bureau yari ihasanzwe
@MininterInfosBi

🔴 #AMATORA Bamwe mu bazoba mu Nama Nshingamateka igiye kujaho.
Inyuma y'inkanimico y'amatora yo ku wa 05.6.2025, Inama Nshingamateka izoba igizwe n'abashingamateka bava mu mugambwe umwe rudende, CNDD-FDD. Nkuko twaheruka kubibabwira, Inama Nshingamateka imeze gutyo yabayeho rimwe rudende mu mateka y'Uburundi, kuva mu 1982 gushika mu 1987, ku ntwaro y'umugambwe umwe UPRONA. Ivyo tuzobigarukako mu zindi nkuru.
Muri ino nkuru turagaruka kuri bamwe mu bazoba bagize Inama Nshingamateka nshasha.
Benshi mu bashingamateka bashasha si abantu bari basanzwe bazwi. Tugaruke kuri bakebake bazwi.
🔴 Ingoro y'Inama Nshingamateka mu Kigobe igiye kuba ingoro nkuru y'umugambwe CNDD-FDD !
Uko niko bamwe bavuze bamaze kwumva ko abashingamateka bose bazoba ari abanywanyi ba CNDD-FDD. Ntibarira busema. Kuko umurwi wa mbere w'abo CNDD-FDD yatoje ni abasanzwe bayitwara ku rwego rw'igihugu :
1. Mu bagize Conseil des Sages ya CNDD-FDD, Gélase Daniel Ndabirabe na Zénon Ndaruvukanye nibo batowe mu Nama Nshingamateka, abandi bazoja mu Nama Nkenguzamateka. Zénon Ndaruvukanye ashobora no kuba ariwe Mushingamateka amaze kugira ibiringo vyinshi mu Nama Nshingamateka y'Uburundi. Ntawuzi ko Gélase Ndabirabe nawe ariwe azobandanya kurongora Inama Nshingamateka. Ico bikoze, iyiheruka yayitwaye nabi cane, ni kenshi Abarundi bamwumviriza bumirwa n'amajambo yamuca mu kanwa. Gélase Ndabirabe azwi nk'umuntu aterekwa ibijanye n'agateka ka zina muntu, ntiyerekwa ibivuga umwidegemvyo w'abarundi, akunda igikenye, avugwako urwanko, ntiyerekwa imigambwe yindi, yemeza ko ifaranga ry'Uburundi rikomeye cane, ntiyemera ko hariho ubukene bw'igitoro, ...
2. Abanyamabanga ba CNDD-FDD ku rwego rw'igihugu (secrétaires nationaux) nka bose bazoba abashingamateka : Martin Nivyabandi, Dénis Karera, Jean-Marie Muhirwa, Doriane Munezero, ...
3. Abagiye bararongora Imbonerakure ku rwego rw'igihugu bazohurira mu Nama Nshingamateka : Ezéchiel Nibigira, Dénis Karera na Éric Nshimirimana. Habuzemwo uwabatanguriye bose, Major Jean-Petit Nduwimana, yagandaguwe n'iperereza rya Prezida Nkurunziza muri 2013.
🔴 Hari abategetsi bake bazoba abashingamateka.
1. Abashikiranganji batatu gusa (Martin Niteretse, Alain Tribert Mutabazi na Gervais Abayeho) nibo bagiye kuba abashingamateka. Muri Buhumuza, Ibrahim Uwizeye nawe nyene ahagaze neza, hagize umushingamateka w'umututsi ahabwa ayandi mabanga, Uwizeye azoca yinjira mu Nama Nshingamateka.
2. Ba buramatari batanu kuri 18 bahahora nibo bahawe intebe mu Nama Nshingamateka : Général-Major Léonidas Ndaruzaniye w'i Ngozi, Venant Manirambona w'i Gitega, Dévote Nizigiyimana w'i Karusi, Boniface Banyiyezako wo mu Cankuzo na Tantine Ncutinamagara w'i Makamba (akaba n'umukenyezi w'uwutwara iperereza hagati mu gihugu, DDI). Léonidas Ndaruzaniye aranuganugwa mbere ko ariwe ashobora kurongora Inama Nshingamateka canke akazohabwa umugambwe CNDD-FDD. Léonidas Ndaruzaniye ni somambike wa Evariste Ndayishimiye.
3. Abashikiranganji bane bahoze muri Leta ya Prezida Nkurunziza bazobamwo : Ezéchiel Nibigira, Côme Manirakiza, Martin Nivyabandi na Jean-Marie Nibirantije.
4. Saidi Djuma yahoze ari umukuru w'igisagara ca Bujumbura agiye kuba umushingamateka, inyuma y'imyaka hafi 10 asa n'uwibagiwe.
5. Jean Ciza yatwaye ibanki nkuru BRB , mu kiringo ca gatatu ca Nkurunziza, nawe nyene agiye kuba umushingamateka.
6. Mu bahora bakomeye mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka zahahora, batatu nibo baboneka mu Nama Nshingamateka nshasha : Gélase Daniel Ndabirabe, Denise Ndadaye na Olivier Suguru.
🔴 Bamwe mu bavuzwe mu vyaha bikomeye vyo gusesa amaraso bagiye kwitwa bashingamateka.
Muri rusangi, uwatwaye wese urwego rw'imbonerakure afatwa ko aba abazwa amabi yakozwe n'imboberakure mu kiringo yari umukuru wazo. Ariko rero muri bo, harimwo bamwe, ku giti cabo, bavuzwe mu mabi akomeye cane.
Shabani Nimubona yari amaze imyaka itari mike arongoye Imbonerakure mu ntara ya Muyinga. Kuva muri 2021 yaranagizwe uwujejwe iperereza mu mugambwe, muri iyo ntara nyene, inyuma naho ahabwa kurongora Imbonerakure mu ntara nshasha ya Buhumuza (Cankuzo, Ruyigi na Muyinga). Amabi Shabani Nimubona amaze kuvugwamwo biragoye kuyadondagura. Kuva havugwa ubwicanyi bwakorewe aba FNL b'i Muyinga batawe mu Ruvubu muri 2006, ubwicanyi bwiswe Safisha inyuma y'amatora ya 2010, amabi yakozwe mu kiringo ca gatatu ca Nkurunziza kugeza kw'inyuruzwa ry'abantu batari bake muri 2024, Shabani Nimubona yagumye avugwa iyo myaka yose. Ariko ntiyigeze abibazwa. Nta nkeka ko mu Nama Nshingamateka agiye guhagararira ukudahana ivyaha bijanye n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu mu Burundi !
Ezéchiel Nibigira akirongoye Imbonerakure yaravuzwe mu mabi menshi. Niwe yatanguje ico bise Opération Aigle Éveillé muri za 2008-2010 yari itumbereye guhindura aba FNL bakaba Imbonerakure, canecane muri Bujumbura rural. Abatavyemeye barashobora kugirirwa nabi, abemeye nabo bahawe inkoho zo guhiga abo bahoranye. Izina rya Ezéchiel Nibigira ryaranavuzwe muri dosiye y'urupfu rwa Ernest Manirumva, hari imodoka zo muri douane (yatwarwa na Nibigira) zakoreshejwe mw'igandagurwa rya Manirumva.
Vénérande Nahimana yaravuzwe mw'inyuruzwa n'iburwa irengero ry'umwigeme Corinne Nizigama muri nzero 2024. Vénérande Nahimana ntiyigeze abazwa n'ubutungane, none ubu agiye kuba umushingamateka.
Hari abandi bagiye baravugwa mu mabi canke bakayakokeza. Mu kiringo ca gatatu ca Nkurunziza, Zénon Ndaruvukanye azwi nk'umwe mu bari bakomeye mu migambi y'uruhigi rw'abatemeye ico kiringo. Martin Niteretse, mu kiringo yari umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, yaranzwe n'imvugo itandukanye n'agateka ka zina muntu. Niwe yavuze ko abigeme n'abakenyezi batwaye inda ntibavuge ba se b'umwana, bazohiora bakubitwa gushika bamuvuze. Niwe yafatishije abaharanira agateka ka zina muntu (Association des Femmes Juristes, APDH) ababeshera ko amashirahamwe yabo ashira amafaranga mu bikorwa vy'iterabwoba. Niwe yagerageje gufuta urwego rw'abashingantahe mu Burundi.
🔴 Hari n'abavuzwe mu vyaha bikomeye vy'ubutunzi...
Côme Manirakiza niwe abitse ibanga ry'abivye imiliyaridi 54 zari kwubaka urugomero rwa Mpanda. Prezida Ndayishimiye niwe yashize ahabona iyo dosiye muri gitugutu 2021, aranemera ko mu ndwi zibiri abakoze iryo bara bazokurikiranwa. Vyahereye aho nyene, nta n'umwe yakurikiranywe. Côme Manirakiza yari umushikiranganji ajejwe ubutare n'amasoko ntanganguvu mu kiringo ca gatatu ca Nkurunziza, aho ayo mafaranga yibwa. Ntarigera abazwa uko vyagenze.
Jean Ciza nawe yagirizwa kwica ubutunzi bw'Uburundi. Mu gihe yari arongoye BRB niho Nkurunziza yafyatuza amamiliyaridi y'amafaranga aca ayagaburira bamwe mu ba jenerali bamufasha guhonyora abarundi. Ivyo bifaranga bitagira uko bingana biri mu vyatumye ifaranga ry'Uburundi rita agaciro. Ni vya bifaranga Prezida Ndayishimiye yashaka kugira ibipapauro ariko arananirwa ! Jean Ciza arazi abantu bose bagiye barahabwa ico bise "refinancement" ariko vyose bihinduka ubundi busuma bukomeye. Ikiringo ciwe cabayemwo amafuti menshi Abarundi bazishura igihe kirekire. None ubu niwe agiye gucungera ingene Leta ikora !
Visenti Ndagijimana yagiye aravugwa muvyo kwiba ubutare mu ntara ya Kayanza, ubu nawe nyene arinjiye mu Nama Nshingamateka. Uyu avugwa ko akoresha amafaranga akura mu butare akagura abategetsi bose mu Kayanza ku buryo atawashobora kumwitwarira, nkuko nawe yapfungisha uwo ashatse wese. Vincent Ndagijimana avugwa ko atigeze ahonyora mw'ishure, ko yoba atazi no gusoma izina ryiwe. Ubu niwe agiye kutwigira amategeko !
🔴 Musaza wa Angeline Ndayishimiye arinjiye mu Nama Nshingamateka !
Umwe mu bashingamateka bazoba badasanzwe ni Valence Kaneza, musaza wa Angeline Ndayishimiye. Uyu abamuzi bavuga ko amaze igihe gito arangije amashure yiwe kuri ECOTEC i Bujumbura. Muvyo yakora, avugwa ko afise ikirabo yakurikirana muri quartier Mirango mu Kamenge. Aravugwa kandi ko yari afise ububasha bwo kwinjiza mu gihugu inzoga za Heineken zirezire be n'inzoga y'abashinwa bita Tsingtao. Bamwe mu badandaza izo nzoga bavuga ko zoba zinjira mu gihugu ata kori zirishe.
Valence Kaneza yavutse mu 1992, agiye kuba ijisho rikomeye rya Angeline Ndayishimiye mu Nama Nshingamateka.
🔴 Ntitworangiza tutavuze kuri Louis Kamwenubusa nawe nyene agiye kwinjira mu Nama Nshingamateka. Uyu yari mu batanguje Radio RPA hamwe na Alexis Sinduhije, ni umwe mu bamenyeshamakuru bakomeye. Mu nyuma yaherewe n'iperereza kugira asambure RPA, vyanse aca aja kuba mu ndongozi za Radio Rema FM, maze yinjira mu makuru y'irementanya. Louis Kamwenubusa azwi nk'umwe mu bagumye bakoreshwa n'iperereza mu bikorwa vyo kugwanya no kuneka abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa CNDD-FDD.
🔴 Koko bano bantu nibo bagiye guserukira inyungu z'umunyagihugu ?
Twizere ko uwahora anyuruza Abarundi yoba ariwe agiye kuvugira inzirakarengane n'impahazwa ?
Twizere ko uwariye imiliyaridi 54 zo kwubaka urugomero rwa Mpanda ariwe azovugira abiyunguruza n'amaguru kubera kubura igitoro ?
Twizere ko uwafyatuye amamiliyaridi ibihumbi vyo kugura ba jenerali ariwe azogwanya ubusuma muri Leta ?
Twizere ko uwarementanirije abatavuga rumwe n'ubutegetsi ariwe azohindukira akavugira impunzi z'abarundi ngo zitahe ?
Twizere ko abagiye barazezwa Imbonerakure aribo bazorondera amategeko yubahiriza abari mu migambwe yose ?
Twizere ko abagize conseil des Sages ya CNDD-FDD n'abo secrétaires nationaux ba CNDD-FDD aribo bazotegura amategeko meza agenga amatora azokurikira ?

🎙️Demain à 10h, le président @GeneralNeva tiendra une conférence de presse au palais de @Gitega sur les élections du 5 juin.
📺 Suivez en direct sur @NtareHouse et @RTNBurundi. #Burundi
#Élections2025 #amatora

🔴 #AMATORA Martin Niteretse yoba agiye gupfunga abasenyeri b'Uburundi ?
Umushikiranganji Martin Niteretse yaraye atangaje ko ata munyapolitike arekuriwe gusubira kugira ico avuze ku busuma bwaranze amatora yo ku wa 05.6.2025. Martin Niteretse avuga ko ikibazo c'amatora gifatanye n'ubwigenge bw'Uburundi. Ko, kubw'ivyo, umuntu wese azohirahira agasubira kuvuga nabi ivyavuye mu matora, azohanwa bikomeye hisunzwe "amategeko" !
Aho bikomereye, ejo nyene, Inama nkuru y'abepiskopi Katolika yarasohoye itangazo rikomeye ku vyaranze amatora aherutse. Abepiskopi barashima ko amatora yabaye mu mutekano. Ariko baradoma urutoke ku makosa akomeye yaranze ayo matora :
1. Hari Ibiro vy'Amatora vyuguruwe amasaha y'itora ataragera, ata baserukira abiyiza n'abarorerezi bahari.
2. Hari ibiro vy'Amatora vyuguruwe kw'isaha ariko abaserukira abitoza n'abarorerezi babanje gutaramurwa, binjiye naho bagasanga amasandugu ari mu kwuzura ku buryo butangaje.
3. Hari abahagarariye amatora batubahirije ukudahengama kwategerezwa kubaranga, mu guhatira abantu aho batora, kubatorera ku gahato canke bakabasanga mu bwiherero bw'amatora.
4. Hariho abarekuriwe gukoresha amakarata menshi, gutora bisubiriza no gutorera abatabatumye.
5. Hari abarorerezi batswe uburenganzira bahabwa n'amategeko, hari abarataramuwe, hari abankiwe kwinjira mu biro vy'amatora, hari abatehetswe gushira ibikumu ku vyegeranyo.
6. Haraho batemereye abaserukira abitoza gukurikirana ingene amajwi aharurwa.
Abepiskopi babona ko intambwe ikiri ndende mu bijanye no gutunganya amatora, mbere baribaza nimba ivyo bintu bitatosekaje ibiharuro vyatangajwe.
🔴 Mbe yemwe aba bo Martin Niteretse ahava abagenza gute ?
Amatora niwo mwanya uhambaye cane abanyagihugu bahabwa ijambo ku kugene igihugu cabo gitwawe. Kubabuza kugira ico bavuze kuvm vyavuye mu matora ni ikimenyetso kitabesha ko ubutegetsi buzi neza ko ivyavuye mu matora atari vyo abanyagihugu batoye. Ubundi bwari kunezerwa n'ukwumva ingene abanyagihugu bishimiye ivyo batoye.

Ubu niho ndiko ndatahura uko isi yubatse. Twe twaduga imisozi tukamanuka iyindi turiko turiyamamaza. Icibonekeje nta numwe twahura kuko ntabanywanyi bagifise. Kumbe twitegurira #Amatora nabo batunye ahantu bandika amatangazo ngo #amatora yibwe. Bwira ya #Misore muti #NTAGITANGAJE

#Burundi-#Amatora: #EkleziyaKatolika irerekana utunenge twinshi twaranze amatora y'abashingamateka
https://t.co/kC3Tn7yPYm

🔴 #AMATORA Hoba hariho umugambi wo guhagarika Nestor Girukwishaka ?
Ejo haheze twararonse ubutumwa butabariza abakozi bane bakorera ku ngoro y'umugambwe CNL (ishami rya Nestor Girukwishaka). Isaha zitanu z'umurango, iyo ngoro yari ikikujwe n'abapolisi bacungera inzego, zica zigenda zitwaye abo bakozi. Uwabatabarije ntiyasubiriye kuboneka ku murongo.
Amakuru dukesha King Umurundi Freedom avuga ko abapolisi batwaye abo bakozi bari babanje guca ku rugo rwa Nestor Girukwishaka, basanga serugo siho ari. Niko kuza kuri Permanence ya CNL naho nyene basanga siho ari. Baca bavuvudikira abakozi.
Ayo makuru avuga ko iperereza ririko rirondera Nestor Girukwishaka ngo rimufate, kubera amajambo aherutse gutangaza yo kwiyamiriza ubusuma bw'akamaramaza bwaranze amatora yo ku wa 05.6.2025. Nestor Girukwishaka yoba anyegeye.
Ivyo Nestor Girukwishaka yavuze ni ukuri kwuzuye, ni navyo iyindi migambwe yindi itavuga rumwe na CNDD-FDD iriko iratangaza. None ni kubera iki hoca haronderwa Nestor Girukwishaka ?
🔴 Uruhigi rwahindukiye ?
Burya indya ya CNDD-FDD ni indyankurye ! Igihe haba ikoraniro ryo kwegurira CNL Nestor Girukwishaka, umugambwe bakawaka Agathon Rwasa ku nguvu, indongozi za CNL ziyiboka Rwasa zarahizwe buhongo n'iperereza, bamwe baranyuruzwa bajanwa mw'iperereza. Ico gihe, kwa Nestor Girukwishaka yari amarame, babona ko ariko gukomera mu gihe iperereza ryariko riracuranguza abo bahora basangiye urugamba rwa politike. None uyu musi niwe ashikiriwe.
Iki cigwa carananiye abanyapolitike benshi kugitahura. Mugenzi, ntuze unezerererwe akarenganyo gakorewe mugenzawe ngo nuko ako kanya ubonamwo inyungu. Ejo nawe uburenganzira bwawe buzohonyorwa atawamira.
🔴 Uburenganzira bwa Nestor Girukwishaka nibwubahirizwe !
Ibwirizwa Shingiro riramuha uburenganzira bwo guserura iciyumviro ciwe. Nk'uwitavye amatora, arafise uburenganzira bwo gushira ahabona ingene yarenganijwe.

@GregLeGrecq #AMATORA Uyuwe ya nyishe nukuri N’ijwi rwiwe yihaye ngo bararyivye 🤣🤣🤣🤣🤣 yasanze afise ubusa 0️⃣🤣 aba Dd nabasuma ndakurahiye

Last Seen Hashtags on Sotwe
Trends for you
Most Popular Users

Elon Musk 
@elonmusk
241M followers

Barack Obama 
@barackobama
119.2M followers

Cristiano Ronaldo 
@cristiano
112.2M followers

Donald J. Trump 
@realdonaldtrump
111.8M followers

Narendra Modi 
@narendramodi
107.1M followers

Rihanna 
@rihanna
98.1M followers

NASA 
@nasa
92.2M followers

Justin Bieber 
@justinbieber
91.3M followers

KATY PERRY 
@katyperry
88.6M followers

Taylor Swift 
@taylorswift13
82.5M followers

Lady Gaga 
@ladygaga
74M followers

Virat Kohli 
@imvkohli
71.3M followers

Kim Kardashian 
@kimkardashian
70.2M followers

YouTube 
@youtube
68.7M followers

Bill Gates 
@billgates
64.4M followers

Neymar Jr 
@neymarjr
64.2M followers

The Ellen Show
@theellenshow
62.4M followers

CNN 
@cnn
61.8M followers

Selena Gomez 
@selenagomez
61.6M followers

X 
@x
60.8M followers



































