Abategetsi ba Kenya baraye bahumurije abarundi ko bashobora kubandanya imirimo yabo muri ico gihugu.
Muri ino video murabona intumwa y'ubushikiranganji bw'imigenderanire ya Kenya n’amakungu yishikiye kuri Ambassade y’Uburundi i Nairobi, ahasanga indiri z’abarundi bariko barondera impapuro zibafasha gusubira mu Burundi (Go home). Iyi ntumwa ya Leta ya Kenya yarahumurije abarundi, ibasaba kwandikisha ibikorwa vyabo, ibemerera ko Leta igiye gukingira ikibanza abarundi babamwo n’aho bakorera kugira ntibasubire guhohoterwa nkuko bimaze imisi. Iyi ntumwa ivuga ko Leta ya Kenya igiye kubandanya ivugana na Ambassade y’Uburundi ukugene ibibazo vyari bimaze imisi bitorerwa umuti maze abarundi bakabandanya imirimo yabo muri Kenya.
Imbere yaho, umuvugizi wa Leta ya Kenya, Charles Owino, yari yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru avuga amajambo nkayo nyene, atangaza ko abantu batahuye nabi amajambo ya Prezida Ruto.
Tugume dukurikurana. Twizere ko benewacu bagiye kubandanya babaho amahoro muri Kenya.
Mutama Pierre Claver Mbonimpa arongoye yamenyesheje ko amahano intwaro ya CNDD-FDD iriko ikorera abarundi atari bwigere abaho kuva uBurundi bubaho .
Yabishikirije mu nama FOCODE yatunganije i Liège mu Bubiligi kuwa 29 myandagaro 2026 #Zirikana#Ndondeza
Umusi utoroshe ku Barundi baba muri Kenya.
Uyu musi niho ingingo ya Prezida Ruto ibuza abanyamahanga baba muri Kenya gukora ubuzi butotubuto itangura kuja mu ngiro. Abarundi baba muri Kenya bavuga ko bafise ubwoba bwinshi uno musi. Hari benshi batwandikiye ko uno musi bataza kuva muhira kubera batazi uko bihava bigenda. Bamwe baratinya ko bashobora guterwa no mu mazu aho baba.
Abarundi benshi baba muri Kenya bakora ibuzi butobuto. Hari abatembereza akawa n’ibitumbura, hari abafise ivyo badandaza kw'ibarabara, hari abunguruza abantu ku mapikipiki, hari abakora ubuzi bwo kumwa umushatsi, hari abadandaza amatelefone, hari abakora ku ma chantiers yo kkwabaka amazu, n’abandi n’abandi.
Haraciye igihe hari abanyakenya batanguye gushira ahabona urwanko ku Barundi. Kuva ijambo rya Prezida Ruto rivuzwe ho bisa n’ivyateye vyunyuka. Hari amasanamu yahanahanywe y’Abarundi boba batanguye kugirirwa nabi n’iri sango ritaragera.
Abategetsi b’Uburundi bariko bavyifatamwo gute ?
Hari ikintu ciza umushikiranganji Édouard Bizimana yakoze : ku wagatanu yarakoranije abaserukira mu Burundi ibihugu bigize EAC, aratomora ko Leta ihagaritswe umutima n’ibiriko birashikira abarundi muri Kenya, arasaba ko Leta ya Kenya ikingira abarundi baba muri ico gihugu.
Uwuserukira Uburundi muri Kenya, Amb. Evelyne Habonimana, nawe yasohoye itangazo rivuga ko kuva uno musi Ubuserukizi bw’Uburundi muri Kenya guhera uno musi buza gutanga ku buntu impapuro zifasha abashaka gutaha mu Burundi (Go home). Runo rupapuro rwahora rurihwa amadolari 20. Iki naco ni ikintu ciza kuko hari abarundi benshi bariko barabisaba. Kumbure hotegurwa n’imodoka zishobora gutahana abohava bagira ikibazo c’ingene bataha.
Hariho ubutumwa buriko burahanahanwa buvuga ko Uburundi bwoba bwasavye Prezida wa EAC, Prezida Museveni, ko yokoranya inama y’abakuru b’ibihugu kuri kino kibazo. Navyo vyoba ari vyiza bikozwe.
Ibidakwiye gukorwa
Hari ubutumwa bwanditswe n’umushikiranganji Édouard Bizimana kuri Twitter butari bwiza, aho avuga ko urwanko rw’abanyakenya bubandanije abanyakenya baba mu Burundi nabo batazobandanya gufatwa neza nkuko vyahora. Ibi si vyiza. Vyoba ari bibi hamwe abarundi nabo boca basimbira ku banyakenya baba mu Burundi bakabagirira nabi.
Hari ubutumwa butabereye buriko butangwa mu ma groupes Whatsapp y’imbonerakure busaba kwinuba abarundi bazoba batashe bavuye muri Kenya. Ibi navyo ni bibi cane, kandi biranateye ubwoba kuko mu ba CNDD-FDD ibintu bihera muri benayo ma groupes mu nyuma tukabona bishizwe mu ngiro.
Impanuro
Abarundi bari muri Kenya bofatana mu nda muri bino bihe bitoroshe. Bogerageza hagize umurundi agira ingorane akamenyekana n’ingoga, bagashirako neza Umwidondoro wiwe be n’aho ikibazo kibereye. Abarundi bokwirinda gukwiza ibihuha, bakirinda gukwiragiza amasanamu y’abantu batabanje kumenyekana neza abaribo, kuko ivyo biraheza bikagwiza ubwoba gusa ataco bikijije. Hagize umurundi agirirwa nabi hotomorwa neza :
1. uwariwe
2. ikibanza arimwo
3. itariki n’amasaha vyabereyeko.
Imana irinde abavukanyi bacu.
#FOCODE | ÉMISSION X SPACE #CONGRÈSCITOYEN — Édition #41
📅 Dimanche 6 septembre 2026
🕕 18h00 (heure du Burundi — GMT+2)
📍 En direct sur X (Twitter) — @FOCODE_
🔴 THÈME
🇧🇮 #Burundi | La #FDNB précarisée, les Imbonerakure officiellement militarisés au sein d’une #FRAD monoethnique : quels risques pour les équilibres d’Arusha, la cohésion et la loyauté de l’armée, ainsi que pour la sécurité des minorités sous le régime Ndayishimiye ?
🔴 CONTEXTE
Alors que les militaires de la Force de défense nationale du Burundi vivent dans des conditions matérielles et sociales de plus en plus difficiles, le pouvoir accélère parallèlement la structuration de la Force de réserve et d’appui au développement — FRAD — composée principalement d’Imbonerakure, membres de la ligue des jeunes du CNDD-FDD.
Présentée officiellement comme une force de réserve destinée à soutenir la défense nationale et les activités de développement, la FRAD consacre désormais la militarisation officielle d’une structure issue du parti au pouvoir. Son recrutement à prédominance monoethnique soulève de profondes interrogations sur sa véritable mission, sa chaîne de commandement et sa loyauté institutionnelle.
Le contraste est saisissant. D’un côté, une FDNB issue de l’Accord d’Arusha, construite sur l’intégration des anciennes forces belligérantes et les équilibres ethniques, mais aujourd’hui précarisée, éprouvée par les déploiements militaires extérieurs et confrontée à une dégradation des conditions de vie de ses membres. De l’autre, une FRAD en pleine consolidation, constituée d’Imbonerakure idéologiquement liés au CNDD-FDD et progressivement intégrés dans l’architecture sécuritaire du pays.
Cette évolution annonce-t-elle la coexistence de deux forces armées aux missions et aux loyautés différentes ? Le régime Ndayishimiye cherche-t-il à renforcer la défense nationale ou à se doter d’une force partisane capable de contourner, de surveiller ou, à terme, de supplanter la FDNB issue d’Arusha ?
Au-delà de l’avenir de l’armée, cette recomposition soulève une inquiétude majeure : celle de la sécurité des minorités dans un pays dont l’histoire reste profondément marquée par les violences ethniques et l’instrumentalisation politique des forces armées.
🔴 TROIS QUESTIONS AU CŒUR DU DÉBAT
1 Quelles sont les conditions réelles de vie et de travail des militaires de la FDNB, et quelles conséquences leur précarisation peut-elle avoir sur le moral, la cohésion, l’efficacité opérationnelle et la loyauté de l’armée nationale ?
2 Quels objectifs politiques et sécuritaires se cachent derrière la militarisation officielle des Imbonerakure au sein d’une FRAD à prédominance monoethnique : renforcer la défense nationale ou constituer une armée du parti au service du régime Ndayishimiye ?
3 La montée en puissance de la FRAD menace-t-elle les équilibres militaires hérités de l’Accord d’Arusha, la cohésion de la FDNB et la sécurité des minorités au Burundi ?
🔴 INVITÉS
1 Gratien Rukindikiza, ancien officier et observateur attentif de l’évolution de la situation dans la région des Grands Lacs
2 Pacifique Nininahazwe, président du FOCODE
🔴 ANIMATION
1⃣ Alice Hakizimana, journaliste / Co-host
2⃣ Gilbert Niyonkuru, journaliste / Co-host
📢 Rejoignez-nous pour un débat citoyen sans détour sur la précarisation de la FDNB, la militarisation officielle des Imbonerakure, la montée en puissance de la FRAD et les menaces que cette recomposition sécuritaire pourrait faire peser sur les équilibres d’Arusha et la sécurité des minorités.
Lorsqu’une armée nationale est précarisée pendant qu’une force issue du parti au pouvoir est militarisée et renforcée, la question n’est plus seulement de savoir qui porte les armes. Elle est aussi de savoir au nom de qui, au service de qui et contre qui ces armes pourraient être utilisées.
📡 L’émission sera également retransmise en direct sur la page Facebook du FOCODE, avant d’être rediffusée sur ses autres plateformes numériques.
#FOCODE #CongrèsCitoyen #Burundi #FDNB #FRAD #Imbonerakure #AccordDArusha #Sécurité #DroitsHumains
@NtareHouse , @KwaNtare , @GeneralNeva , @fdnbbi , @BurundiGov , @MdnacBi , @nshingamateka , @Burundi_senat , @pnininahazwe , @Rukindikizagr , @niyogilbert1 , @Misslys2023 , @Ndayishemeza_ , @janvierbig , @FNisabwe , @GNiyungeko
Cher Benjamin Babunga,
Je me joins à votre épouse pour vous souhaiter un joyeux anniversaire. C'est dur de célébrer son anniversaire en prison. Mais vous êtes en vie, une chance refusée à tant d'autres sous le régime de Ndayishimiye au #Burundi. Tenez bon, ce calvaire finira.
Burundi : Les déplacés survivants du génocide d'octobre en 1993 au Burundi qui vivent depuis trente trois ans dans le site de Kabezi dans la province Bujumbura, sont sous menaces des imbonerakure qui procèdent à la démolition de leurs maisons. Ils partent avec les tôles et les bois qui servaient de toiture et charpente. Les déplacés Tutsi lancent un cri d'alarme a ceux qui peuvent leur venir au secours.