Un Burundi yamata nubuki, un Burundi prospère, sans Interahamwe et Imbonerakure ,sans genocidaires, sans CNDD, Fnl, Fdlr
Imbonerakure = interahamwe = ❌️❌️
🔴 Ibibazo 11 Général Gasupari Baratuza yanse kwishurako aca ahitamwo gutukana !
Umuvugizi w'igisirikare c'Uburundi, Général de brigade Gasupari Baratuza yaraye acishije kuri X (yahoze ari Twitter) ubutumwa budutuka, akerekana ko ashavujwe n'ibiganiro FOCODE imaze imisi ikora ku bijanye n'ibihe igisoda c'Uburundi kirimwo. Baratuza nta kibazo na kimwe yishuyeko, nta muco na mutoya yatanze ku vyavuzwe, ahubwo yahisemwo gutukana.
Turashima ko yerekanye ko mu gisirikare bakurikira ibiganiro vyacu kandi ko ibibazo vy'abasoda twabashikirije bavyumvise. Ariko birababaje ko ata na kimwe yishuye. Niyo mpamvu dushimye gushira ahabona ibintu 11 bihambaye vyavuzwe mu bigabiro vyacu, maze tumusabe ko yobitangako umuco.
🔴 Ibintu 11 bikeneye ko Baratuza atanga umuco.
1. Abasoda bari kugwana muri RDC bavuga ko bamaze amezi icenda badahembwa. Vyoba ari vyo canke ni ikinyoma ? Amafaranga yabo yoba ariko aja hehe ?
2. Twarashize ahabona ko abasoda b'Uburundi n'abo bafatanije kugwana muri RDC batakaje ibirindiro vyabo muri Minembwe no kuri Point Zero. Ivyo vyabaye hagati y'amagenekerezo ya 2 na 4 mukakaro 2026. Mbega uko ni ukuri canke ni ikinyoma ?
3. Hari abasoda badasanzwe berekanywe kuri défilé yo ku wa 01.7.2026. Twaravuze ko bukeye abashika 450 bo muri Unité des opérations spéciales (UOS) baciye barungikwa muri iyo ntambara ya Minembwe na Point Zéro, bagiye barongowe n'umukuru wabo Colonel Théoneste Ndikumana. Twaravuze ko hari bombe yatewe Baraka bagishika bururutse ubwato, abagiye ku rugamba nta n'umusi bamazeyo, bavuyeyo biruka, bageze Baraka baca burizwa ubwato basubizwa mu Burundi. Mbega uku ni ukuri canke ni ikinyoma ? Bano basoda baracari Baraka ?
4. Abasoda b'Uburundi bavuga ko badashobora gusubira kugwana ngo bafate Minembwe na Point Zéro mu gihe hatazoba habonetse umuti wa drone CH-4 yababangamiye muri iyo ntambara. Bavuga ko batangaye babonye abitwa "forces spèciales" baca bahungishwa, ariko bo bakagumizwa Baraka. Bavuga ko batewe ubwoba ko na Baraka ishobora guterwa kandi ko batabona aho bazohungira kubera imbere yabo hari Tanganyika. Mbega uku ni ukuri canke abasoda baracari mu Minembwe ?
5. Abasoda bari kugwana muri RDC baridoga ko badafise ibirwanisho bijanye n'intambara ya kino gihe, aho ni mu gihe kuri défilé yo ku wa 01.7.2026 herekanywe ibirwanisho Gasupari Baratuza yavuga ko bikomeye cane. Twaravuze ko ibirwanisho vyerekanywe vyaguzwe mu myaka ya za 80, ko bishaje kandi bitajanye n'intambara z'ubu. Twaravuze ko bimwe mu biduga vy'intambara vyapfiriye mu nzira bitanashoboye no kwinjira muri défilé. Baratuza najane abamenyeshamakuru mw'ikambi yahoze yitwa Camp Para barabe ko igikamyo kimwe ca BM 21 vyanse nuko bagisubiza i Mwaro, capfuye kigeze ku Musaga.
6. Twaravuze ko défilé yo ku wa 01.7.2026 yari ifise intumbero yo kwibagiza ibirwanisho vyaturiwe muri Camp Base muri ntwarante 2026. Gasupari Baratuza yari yatubwiye ko umuriro wavuye kuri court-circuit y'intsinga z'amatara mu bubiko bw'ibirwanisho, Prezida Ndayishimiye aca aramubeshuza ko ata matara ari muri ubwo bubiko. Mbega Baratuza yoheba akaduha ukuri ku caturiye ibirwanisho ?
7. Twaravuze bimwe mu vyavugiwe muri "retraite" y'abakuru mu gisoda yabereye i Gitega mu mpera za rusama 2026. Twaravuze amajambo ya Général Bukuru yavuze ko aravye amakosa yakorewe muri #RDC hariho abatwara igisoda c'Uburundi bari bakwiye kwiyahura. Twaravuze imyidogo ya Colonel Jeconias Nihorimbere ababazwa n'ingene mu ntambara yo muri kigarama 2025 bamuzaniyeko Général Elie Ndizigiye batazira Muzinga na Général Pontien Hakizimana batazira Mingi, bamwaka PC yiwe yari Bwegera nawe bamurungika kure, agarutse asanga na ya PC yarafashwe, abahamukuye nabo barahunze. Yababajwe n'abo baje kumutangirako amategeko baca batuma igisoda gitsindwa nabi. Mbega iyi retraite yarabaye ? Mbega iyi myidogo ku makosa yakozwe n'indogozi yarabayeho ?
8. Hariho ikibazo gikomeye c'amafaranga arihwa na Leta ya RDC ku musirikare wese w'Uburundi arungitswe kugwana muri ico gihugu, ku wukomeretse n'uwupfiriyeyo. Kugeza ubu nta muco na mutoya uriho ku masezerano ari hagati ya Prezida Tshisekedi na Prezida Ndayishimiye. Turasavye ko Gasupari Baratuza ashira ahabona aya masezerano, maze umusirikare wese amenye neza amafaranga yatanzweko n'ivyo abiwe bokwitega mu gihe aguye ku rugamba.
9. Mu biganiro twaravuze ko hari compagnie yo mw'iperereza rya gisirikare (G2) yahora iriko yimba inzahabu hafi ya Point Zéro, ubu ikaba yahungiye muri #Fizi.
Hari kandi intwazangabo ziri muri Fizi guha inyigisho insorensore za #Wazalendo. Mu bariko barabikora harimwo Lieutenant-Colonel Noël Banyiyezako. Mbega ibi ni ukuri ? Noël Banyiyezako yoba ariko akorera hehe muri kino gihe ?
10. Mu biganiro twaravuze ikibazo c'abasoda bapfunzwe bagirizwa ngo barataye urugamba muri Nord-Kivu. Twaravuze ko ari akarenganyo kubera kuva Nord-Kivu kugeza mu biherutse mu #Minembwe na Point Zéro intambara zirangira abasoda bataye bagahunga. Na Général Muzinga yasabiye abo basoda gupfungwa nawe yahavuye atemaguza arata urugamba : yavuye #Goma ahungira #Bukavu, hama ata Bukavu ahungira #Bujumbura, muri kigarama 2025 naho yataye PC yari yihagiye i Bwegera aruhukira mu Cibitoke. None ni kuki Muzinga na bagenziwe batapfunzwe kandi nabo bataye urugamba ?
11. Twaravuze ingebe abagwanyi ba Wazalendo n'abakekwa ko ari #FDLR bavurizwa mu bitaro Tanganyika Hospital kuri bons z'igisoda c'Uburundi. Twaravuze ingene ama fiches y'abagwayi yahinduwe tumaze kubishira ahabona zigaheza zigahindurwa. Twaravuze kandi imyidogo y'abasoda b'Uburundi bagwariye muri ivyo bitaro, babona ko batitwararitswe n'igisoda nkuko bimeze ku bagwanyi bo muri RDC. Twaranavuze ko abo bagwanyi bazanwa n'imbonerakure Willy Habarishize batazira Kanyisha asigaye yarihaye ipete rya Général de brigade. Mbega aya makuru ni ukuri ? Général de brigade Baratuza yoba yifata gute ahuye n'imbonerakure Général de brigade Kanyisha ?
🔴 Général ntatukana, atanga umuco !
Si ubwambere Gasupari Baratuza ahisemwo kudutuka aho gutanga umuco ku makuru tuba twatanze. Muri nzero 2025, tumaze gushira ahabona ko abasoda b'Uburundi bari batsinzwe kandi bishwe ku bwinshi ahitwa #Ngungu muri Nord-Kivu, Baratuza yakoze ikiganiro co kudutuka, atwita ba "sesankuyoze", aca atangaza ko ingabo z'Uburundi zifashe neza ku ma positions yazo yose. Yari yaremeye ko azojayo agatangirayo ikiganiro. Uko kwezi kwarangiye Goma yarafashwe, abasoda b'Uburundi barataye ibirindiro vyose bari bafise muri Nord-Kivu. Kugeza ubu turacarindiriye ko aja gukoresha ico kiganiro.
Mu nyuma yarungitse ku mbuga ngurukanabumenyi umusirikare w'ipete rya sergent kudutuka ngo twatanze amakuru ko yapfuye. Cari ikinyoma, nta nkuru twigeze twandika kuri uyo musoda. Mbere naho vyashika tukihenda sico gihambaye, ikibabaje ni ingene igisoda kititwararika imiryango y'abasoda bagwa muri RDC. Hari imiryango myinshi kugeza ubu itazi amakuru y'ababo. Aho gutukana, Baratuza yofasha igisoda gutunganya neza imigenderanire gifitaniye n'imiryango y'abasoda bari muri RDC kandi ivyabo ntibigume ari ibinyegezwa.
Muvyo yaraye yanditse, Gasupari Baratuza avuga ko igisoda cifashe neza mu rugamba kirimwo, aca asubira kutwita ba "sesankuyoze batyoza igihugu". Ntawuzi ico iri jambo yama akoresha ngo "igisoda cifashe neza" risigura. Igisoda kimaze imyaka hafi itatu muri iyo ntambara. Aho kigwanira hose birangira kineshejwe. Kuva Nord-Kivu kugeza Minembwe twumva amakuru y'ukuneshwa gusa. None kwifata neza bica bisigura iki ?
Nyakubahwa Ferederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu niwe mu kiganiro twakoze ku wa 05.7.2025 yabajije ati :
"Mbega ico gisoda gikomeye muri défilé gusa kikananirwa ku rugamba ?"
🔴 Nivyo ntituri abahinga b'igisoda.
Muvyo Baratuza yaraye atwagirije harimwo ko twigira abahinga b'igisoda.
Baratuza, nivyo ntuturi abahinga muvyo kurasa. Ntituri abahinga muvyo gutunganya ingabo no kuzipanga ku rugamba. Ntituri abahinga mu kugura ibirwanisho canke kubibika.
Ariko :
- umusoda atubwiye ko adahembwa turamwumva kandi turamufasha gusemerera;
- umusoda yamugariye ku rugamba atubwiye ko afashwe nabi muri DCA Passive (Guantanamo) turamwakira tugasemerera, mbere twarabonye ko mwabikoreyeko ;
- umusoda atubwiye ko yibwa imfungurwa yandikiwe kugeza naho abasoda bagwara kwashi ku rugamba, turamwakira mbere tubandanya kubaza impamvu mudahana aba commandants-bataillons bakoze ayo marorewa ;
- umusoda atubwiye ko adatahura intambara arimwo, ko ata n'ibigwanisho bikwiye afise, tugasanga iyo myidogo iri kuva mu basoda bato kugeza no muri retraite y'abatwara igisoda, turamwakira tukabivuga ;
- umuryango w'umusoda uje kuturirira ko utazi ko uwabo akiri muzima kubera amakuru uhabwa n'abari ku rugamba yamara igisoda ntigitange umuco, turawakira kandi akamo kawo turagashira ahabona.
🔴 Nivyo ntituri abahinga b'igisoda, ariko turafise umutima wakira abasoda batuntuye. Turi abahinga mu kwakira abasoda kugeza aho namwe mwumva ubutumwa bwabo, mwabura inyishu mugatangura gutukana. Yamara namwe nimwige kwishura ibibazo, nimwige ubuhinga bwo gutanga umuco. Gutukana nta teka bibaha, nta teka biha igisoda muvugira. Mutagira inyishu, murapfuma munuma !
@GeneralNeva , @NtareHouse , @KwaNtare , @BurundiGov , @fdnbbi , @baratuza2000 , @nshingamateka , @Burundi_senat
#Burundi#Rwanda#RDC 🚨🚨🚨
🚨URGENT🚨
🛑KOBERO (Frontière Bdi-TZ):
On signale une nervosité des agents du renseignement (@CnddFdd / FDLR), chaque véhicule de transport de personnes est inspecté
‼️De quoi ont-ils peur⁉️
⚠️Des personnes ont déjà été enlevées et tuées⚠️
#Burundi#Rwanda#RDC 🚨🚨🚨
🚨URGENT🚨
🛑2 positions de l’armée Burundaise du @CnddFdd alliés aux FDLR, à TWINYONI, ont été attaquées par des commandos,
‼️Bilan: Aucun survivants‼️
‼️Est-ce le @Red_Tabara⁉️
⚠️En tout cas, on assiste à l’implosion de l’armée⚠️
- Gipupuzi ntiyorohewe muri RDC
- Imyidogo ni myinshi mu gisoda, aguma yikanga coup d'État
- Aratinya invasion ya Red Tabara, yibaza ko ishigikiwe na M23
- Arazi ko imbones ataco zizomufasha, kuko na 2015 ntawigeze azibona, coup d'État yanse kubera inda ndende ya Prime.
@wembi_steve@GeneralNeva Tu seras ni le premier ni le dernier qui sera tué par le cndd fdlr de @GeneralNeva . Je te conseille de rester dans les zones sous M23 pour ta sécurité. Bon courage
‼️🛑🚨Donc, si aujourd’hui les services de sécurité burundais m’arrêtent à Bujumbura, cela signifie-t-il que je serai tué ?
En quoi est-ce que je représente une menace pour le #Burundi ?
Monsieur le Président @GeneralNeva, les agissements de vos services de sécurité portent gravement atteinte à l’image de votre pays, d’autant plus que vous assurez actuellement la présidence de l’Union africaine @_AfricanUnion.
Je suis déjà victime de persécutions dans mon propre pays, la République démocratique du Congo #RDC🇨🇩. Ma famille et mes proches vivent dans une insécurité permanente.
Cela doit cesser. Libérez @benbabunga .